IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 22 Rusama

22 Rusama

lundi 21 Rusama 2018

Ibikuru bikuru vyaranze iyi genekerezo

1848: Yegereyegere y’abungere bo mw’izinga rya Martinike.
1927: Ikinyamugigima cabaye mu gisagara ca Xining mu gihugu c’Ubushinwa. Cahitanye abantu bagera ku 200 000.
1995: Uwitwa Jean Tiberi asubirira Jacques Chirac yagenywe mu kibanza co kurongora igisagara ca Paris.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

1895: Arthur Conan Doyle, umwanditsi w’ibitabo bivuga ivyo urukundo ava mu Bwongereza.
1900: Yvonne Vendroux, umutambukanyi wa Charles de Gaulle.
1907: Hergé, umubirigi yandika agacapa ibitabo birwiriyemwo amashushanyo bakunda kwita BD.
1970: Naomi Campbell, umwongereza rurangiranwa mubo bita aba “mannequin”.

Naomi Campbell

1978: Ginnifer Goodwin, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1987: Novak Djokovic, umukinyi rurangiranwa mu rukino rwa Tennis. Akaba ava muri Serebiya.

Novak Djokovic

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

987: Louis V, umwami w’Ubufaransa.
1885: Victor Hugo, umwanditsi akaba n’umunyapolitike w’Umufaransa.

Victor Hugo

1910: Jules Renard, umwanditsi w’umufaransa.
1983: Albert Claude, umuhinga muri Biologie akomoka mu Bubirigi. Niwe yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu mwaka w’1974.
1990: Rocky Graziano, umukinyi w’urukino rwo gukubitana ibipfunsi ( boxe) w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ibinyabuzima.
. France: Martinique: Umunsi wo kwibuka ikurwaho ry’ubuja .
. Sri Lanka: Umunsi mukuru wa Republika.
. Yemen: Umunsi mukuru w’igihugu.


Ingabire Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.