IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 27 Ndamukiza

27 Ndamukiza

mercredi 26 Ndamukiza 2017

Igenekerezo ry’27 Ndamukiza .

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1848 : Ikurwaho ry’ubuja mu gihugu c’Ubufaransa.

1916 : Ishirwaho ry’iteka bise « uwaphiriye Ubufaransa » rihabwa
abaguye ku rugamba.

1960 : Ukwikukira kw’igihugu ca Togo.

1961 : Ukwikukira kw’igihugu ca Sierra Leone.

1992 : Ivuka rya Republika hwaniro ya Yougoslavie.

1994 : Muri Afrika y’Epfo harangira ico bise “bantoustans”. Haba
amatora ya mbere ahurikiyemwo bose, n’abadasangiye urukoba.

Mu vy’ubutunzi n’imibano

2005: Indega ya mbere yo mu bwoko bwa Airbus A380 iraguruka ivuye ku
kibuga c’indege c’i Toulouse.

2011: Umunsi hapfa abantu benshi bahitanye n’agashururu kaciye muri
Leta Zunzubumwe z’Amerika ku magenekerezo ya 25 gushika 28 Ndamukiza
2011.

Abazwi cane bavutse nkiri genekerezo

1791: Samuel Morse, muhinga mu gucapa w’umunyamerika.

JPEG - 15.3 ko

1822: Ulysses S. Grant, umukuru w’igihugu wa Leta Zunzubumwe z’Amerika agira 18.

1988: Bakary Koné,umukinyi w’umupira w’amaguru wo muri Burkina Faso.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1521: Ferdinand de Magellan, uwashoboye kujabuka ubwa mbere ibahari
rya Pacifique. Akomoka muri Portugal.

1605 : Léon XI, umu papa.

1972 : Kwame N’Krumah, umukuru w’iguhugu ca Ghana kuva 1960 gushika 1966.

JPEG - 25.7 ko

Ibihimbazwa

Muri Afrika y’Epfo : Umunsi mukuru w’Ukwidegemvya aho bibuka
amatora ya mbere ahurikiyemwo bose. Amatora yabaye 1994.

Muri Finland : Umunsi mukuru w’igihugu wahariwe abakuruke bahoze ku rurgamba.
Muri Pays-Bas, Aruba ni Saint-Martin : Umunsi mukuru w’igihugu canke
Umunsi w’umwami.
Sierra Leone : Umunsi mukuru wa Republika aho hibukwa ukwikuria
kwico gihugu mu mwka w’1961.
Togo : Umunsi mukuru wo kwikukira, aho bibuka ukwikukira kwico
gihugu mu mwaka w’1960.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.