IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 28 Rusama

28 Rusama

dimanche 28 Rusama 2017

Igenekerezo rya 28 Rusama.

Ibikuru bikuru vyaranze iri genekerezo ni ibi bikwirikira:

1918: Haba ukwikukira kwa mbere kwa Armeniya.

1998: Igihugu ca Pakistani kiba ic’indwi mu bihugu rutura kw’isi bifise
ubutare bwa nucléaire.

2008: Muri Népale, intwaro za cami zirasezererwa hatangura intwaro
ishingiye ku ntwaro rusangi.

2002: Mu Bubirigi, hafutwa ingingo yo gufata nk’icaha gihanwa
n’amategeko “ukudendura umuntu” aremvye.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri ni:

1908: Ian Fleming, umwanditsi w’umwongereza.

1910: T-Bone Walker, umucuraranzi w’igitari akongera akaba umwanditsi
w’umuziki aririmba umudiho wa bleus. Akaba yava muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

1912: Partick White, umwanditsi avuka muri Austrariya, akaba yaronse agashimwe
kitiriwe Nobel mu bwanditsi mu mwaka w’1973

JPEG - 39 ko
Patrick White

1936: Jerry West, umukinyi wa basket w’umunyamerika.

1978: Jimmy Casper, umunonotsi asiganwa ku makinga w’umufaransa.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1357: Alphonse IV, umwami wa Portugare.

1805: Luigi Boccherini, umwandisi w’umuziki akomoka mu Butariyano.

1878: John Russell, umunyapolitike wo mu Bwongereza.

1971: Audie Murphy, umukinyi akaba n’umuhinyanyuzi w’amareresi w’umunyamerika.

1972: Edouard de Windsor, umwami w’Ubwongereza.

JPEG - 33.1 ko
Prince Edouard

2009: Marcel Béliveau, umuremeshakiyago akaba n’umuhinyanyuzi akina
n’amareresi ndetse n’ivyese akomoka muri Canada.
2010: Gary Coleman,umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe amagara meza ku bakenyezi.

. Armeniya ni Azerbayijani: Umundi mukuru wa repubrika.

. Krowasiya: Umunsi wahariwe igisirikare.

. Etiyopiya: Umunsi mukuru w’igihugu.

. Filipine: Umunsi wahariwe ibendera ry’ico gihugu.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.