IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 29 Rusama

29 Rusama

lundi 29 Rusama 2017

Igenekerezo rya 29 Rusama.

Ibikuru bikuru vyaranze iyi genekerezo ni :

1418: Ifatwa ry’igisagara ca Paris, gifatwa n’ingabo za Yohani
sans Peur.
1453: Itembagazwa ry’igisagara ca Constantinople.
1660: Mu Bwongereza hasubizwaho intwaro ya cami.
1724: Hatorwa Papa Benedigito wa 13.
1999: Olusegun Obasanjo yimikwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu ca Nijeriya.

JPEG - 20.6 ko
Olusegun Obasanjo

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1439: Piyo wa 3, umu Papa.
1630: Charles wa 3, umwami w’Ubwongereza.
1874: Gilbert Keith Chesterton, umwanditsi w’umwongereza.
1917: John F. Kennedy, umukuru w’igihugu agira 35 w’igihugu ca Leta
Zunze ubumwe z’Amerika. Kugera ubu aracari umukuru w’igihugu umwe gusa
w’umukatorika yatwaye ico gihugu.

JPEG - 44.7 ko
John Kennedy

1956: Latoya Jackson, umuririmvyi w’umunyamerika.
1976: Cláudio Roberto da Silva, umukinyi w’umupira w’amaguru ava
muri Brezire.
1977: Massimo Ambrosini, umukinyi w’umupira w’amaguru ava mu Butariyano.
1979: Arne Friedrich, umukinyi w’umupira w’amaguru ava mu Budagi.
1984: Carmelo Anthony, umukinyi wa basket w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1997: Jeff Buckley, umuririmvyi w’umunyamerika.
2008: Harvey Korman, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
2010: Dennis Hopper, umunyamaroke yakoreye muvy’amareresi.
2011: Sergueï Bagapch, uwabaye umukuru w’igihugu ca Abkhaziya.
2012: Mohamed Taïeb Naciri, uwabaye umukuru w’igihugu ca Maroke.

JPEG - 31.7 ko
Mohamed Naciri Taïeb

Ibihimbazwa

Umunsi mpuzamakungu wahariwe ingabo za ONU.
Argentine: Umunsi mukuru wahariwe abasirikare barwanira hasi.
Nigeriya: Umunsi mukuru wahariwe intwaro rusangi.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.