Accueil > Amakuru > Akahise > 29 Rusama
29 Rusama
lundi 29 Rusama 2017
Igenekerezo rya 29 Rusama.
Ibikuru bikuru vyaranze iyi genekerezo ni :
1418: Ifatwa ry’igisagara ca Paris, gifatwa n’ingabo za Yohani
sans Peur.
1453: Itembagazwa ry’igisagara ca Constantinople.
1660: Mu Bwongereza hasubizwaho intwaro ya cami.
1724: Hatorwa Papa Benedigito wa 13.
1999: Olusegun Obasanjo yimikwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu ca Nijeriya.
- Olusegun Obasanjo
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1439: Piyo wa 3, umu Papa.
1630: Charles wa 3, umwami w’Ubwongereza.
1874: Gilbert Keith Chesterton, umwanditsi w’umwongereza.
1917: John F. Kennedy, umukuru w’igihugu agira 35 w’igihugu ca Leta
Zunze ubumwe z’Amerika. Kugera ubu aracari umukuru w’igihugu umwe gusa
w’umukatorika yatwaye ico gihugu.
- John Kennedy
1956: Latoya Jackson, umuririmvyi w’umunyamerika.
1976: Cláudio Roberto da Silva, umukinyi w’umupira w’amaguru ava
muri Brezire.
1977: Massimo Ambrosini, umukinyi w’umupira w’amaguru ava mu Butariyano.
1979: Arne Friedrich, umukinyi w’umupira w’amaguru ava mu Budagi.
1984: Carmelo Anthony, umukinyi wa basket w’umunyamerika.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1997: Jeff Buckley, umuririmvyi w’umunyamerika.
2008: Harvey Korman, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
2010: Dennis Hopper, umunyamaroke yakoreye muvy’amareresi.
2011: Sergueï Bagapch, uwabaye umukuru w’igihugu ca Abkhaziya.
2012: Mohamed Taïeb Naciri, uwabaye umukuru w’igihugu ca Maroke.
- Mohamed Naciri Taïeb
Ibihimbazwa
Umunsi mpuzamakungu wahariwe ingabo za ONU.
Argentine: Umunsi mukuru wahariwe abasirikare barwanira hasi.
Nigeriya: Umunsi mukuru wahariwe intwaro rusangi.
Luc-Noel Ingabire