Accueil > Amakuru > Akahise > 30 Ruheshi
30 Ruheshi
jeudi 30 Ruheshi 2016
Igenekerezo rya 30 Ruheshi.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1960: Umwami w’Ububirigi Baudouin, umukuru w’igihugu ca Kongo Kinshasa hamwe n;umushikiranganji wambere Patrice Lumumba bahimbaza umunsi w’intahe y’ukwikukira mu gisagara ca Léopordville.
1643: Jean Baptiste Poquelin azwi cane kw’izina rya Molière atanguza ictwa “Illustre Théâtre”.
1973: Haba ubwirakabiri burebure gusumba ubundi bwose bwo muri ico kinjana ca 20. Bwamaze iminota 7 n’amasegonde 4.
1997: Mu Bwongereza, hasohoka igice kimwe c’urukurikirane rw’ibitabo « Aventures d’Harry Potter » : Harry Potterà l’école des sorciers.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1470: Charles w’8, umwami w’Ubufaransa.
1884: Georges Duhamel, umwanditsi w’umufaransa.
1913: Alfonso López Michelsen, umukuru w’igihugu ca Colombie kuva mu 1974 gushika 1978.
1932: Mongo Béti, umwanditsi akomoka muri Cameroun.
1936: Assia Djebar, umwanditsi akomoka muri Algérie yashoboye kuja muri Académie y’ururimi rw’igifaransa.
1975: Ralf Schumacher, umudereva w’imiduga yo mu mahiganwa yo kwiruka n’imiduga bita Formule 1.
1985: Michael Phelps, umunonotsi w’umunyamerika yiruka mu kwoga mu mazi.
Ibihimbazwa
. Chili: Umunsi wahariwe abazimyamuriro babitangirabuntu(volontaires).
. Guatemala : Umunsi waharirwe igisirikare.
. RDC : Umunsi mukuru wo kwikukira. Hibukwa imyaka 53 ico gihugu cikukiye.
Luc- Noel Ingabire