IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 7 Myandagaro

7 Myandagaro

mercredi 7 Myandagaro 2013

Igenekerezo rya 7 Myandagaro ni umunsi ugira 219 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 146 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1919: Umudereva w’indege Charles Godefroy acishaindege munsi y’icibutso kiri i Paris citwa Arc de triomphe. Aho ni mu gihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 13.2 ko
Charles Godefroy
JPEG - 9.5 ko
Charles Godefroy acishije indege munsi ya Arc de Triomphe

1960: Igihugu ca Côte d’Ivoire kirikukira.
1974:Philippe Petit amara iminota 45 ari k’umugozi wari hagati y’amagorofa nkorakirere ya World Trade Center.
1998: Hba ibitero vyabitwaje iterabwoba ku nzu z’ubuserukizi bwa Leta Zunzubumwe z’Amerika muri Kenya no muri Tanzaniya. Ivyo bitero bikaba vyegetswe kuri Ben Laden.
2010: Juan Manuel Santos aba umukuru w’igihugu ca Colombie.

JPEG - 7.8 ko
Juan Manuel Santos

Uwuzwi cane yavutse kw’igenekerezo nkiri

1932: Abebe Bikila, umunonotsi wo muri Ethiopie yatwinze incuro zibiri mu mahiganwa mpuzamakungu ya Olympique muri marathon.

JPEG - 39.4 ko
Abebe Bikila

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1782: Anrdeas Sigismund Marggraf, umuhinga muri chimie akomoka mu Budagi.

JPEG - 30.7 ko
Anrdeas Sigismund Marggraf

1848: Jöns Jacob Berzelius, umuhinga muri chimie akomoka muri Swède. Akaba ariwe bavugako ariwe yazanye chimie ya none.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe indero.
. Muri Côte d’Ivoire: umunsi wo kwibuka ukwikukira kw’igihugu.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.