Accueil > Amakuru > Akahise > 9 Ruhenshi
9 Ruhenshi
samedi 9 Ruheshi 2018
Igenekerezo rya 9 Ruhenshi.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1660: Umwami w’Ubufaransa Louis wa 14 agira ubugeni na Marie-Thérèse wo muri Autriche.
1944 : Haba ubwicanyi bw’agahomeramunwa i Tulle. Aho hari inyuma y’amasaha 72, ingabo za mbere zishitse ahitwa Normandie aho zari zigiye mu ndwana ya 2 t’isi yose.
1946: Bhumibol Adulyadej aba umwami wa Thaïlande.
1999: Igihugu ca Yougoslavie camera guhagarika imishamirano maze indwano yo muri Kosovo iba ararangiye.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1595: Ladislas wa 4 Vasa, umwami wa Polonye.
1836: Elizabeth Garett Anderson, umugore wa mbere yaronse impamyabushobozi mu buvuzi mu gihugu c’Ubwongereza.
1956: Patricia Comwell, umwanditsi w’umunyamerika.
1980: Anthony Geslin, umunonotsi yiruka akoresheje ikinga w’umufaransa.
1984: Wesley Sneijder, umukinyiw’umupira w’amaguru akomoka muri Hollande.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
68: Néron, umwami wa baromani.
2007: Ousmane Sembène, umwanditsi akongera akaba n’umuhinyanyuziw’amareresiakomoka mu gihugu ca Sénégal.
Ibihimbazwa
. Argentine: Umunsi wahariwe abahinga mu vy’ubukomezi n’ubwoko bw’amasi.
. USA: Umunsi mukuru w’ubumwe bw’abadasangiye ibara ry’urukoba.
. Uganda: Umunsi mukuru w’indanga zitanze.
Luc-Noel INGABIRE