Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Umuganga yemeje ko umukuru w’igihugu ata ngorane yo mu mutwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umuganga yemeje ko umukuru w’igihugu ata ngorane yo mu mutwe (...)

Amerika : Umuganga yemeje ko umukuru w’igihugu ata ngorane yo mu mutwe afise

mercredi 17 janvier 2018

Ronny Jackson yavuze kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Nzero 2018,ko umukuru w’igihugu Donald Trump afise amagara meza, kandi ko ata bwoba afise ku biraba uko mu mutwe w’umukuru w’igihugu hifashe.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko mu ndwi iheze, abaganga bagiriye ibipimo umukuru w’igihugu mu kiringo c’amasaha atatu, ku ncuro ya mbere kuva abaye umukuru w’igihugu ca Amerika.

Muganga Ronny Jackson yabwiye abamenyeshamakuru ko muri rusangi amagara y’umukuru w’igihugu yifashe neza, kandi ko abandanya kugira umutima umeze neza kandi muri rusangi amagara yifashe neza kubera atanywa itabi n’inzoga
BBC ivuga ko, umuganga wa Donald Trump yavuze ko umukuru w’igihugu ubu afise imyaka 71, akeneye kugabanya gufungura infungurwa zirimwo amavuta no gukora imyimenyerezo ngororamubiri.

Ibi bibaye inyuma y’igitabo Fire and Fury canditswe giteye amakenga kivuga ku burwayi bwo mu mutwe bw’umukuru w’igihugu Donald Trump.

Umukuru w’igihugu Donald Trump yishuye avuga ko ico gitabo kirimwo ububeshi, mu gihe umushikiranganji w’imigenderanire yahakanye ivyo vyanditswe ku magara y’umukuru w’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.