Home > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru iragirizwa gukora ibigwanisho ruhonyanganda (...)
Koreya ya Ruguru iragirizwa gukora ibigwanisho ruhonyanganda bishasha
Tuesday 31 July 2018, by
Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako bamwe mu bajejwe intwaro ba Amerika bamenyesheje ikinyamakuru Washington Post ko bimwe mu bigendajuru vy’igendereza vya Amerika vyasanze hariho ibikorwa biriko birabera mu karere gakorerwamwo ibisase biterwa kure.
Ayo makuru abandanya avuga ko amasanamu y’ibigendajuru yerekana imodoka zinjira zongera zisohoka muri iryo hinguriro, ariko atari muri ico gikorwa co gukora ivyo bisasu.
Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika,Donald Trump yaheruka kugira umubonano na mugenzi we w’igihugu ca Koreya ya ruguru Kim Jong-un mu kwezi kwa Ruheshi uyu mwaka wa 2018 aho Kim Jong Un yiyemeje gukora uko ashoboye kugira ahagarike ikoreshwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda mu gihugu ciwe.
Inyuma y’imisi mike uyo mubonano ubaye ,Donald Trump yaranebaguwe kuba ’yagize amasezerano yo ku munwa gusa ata masezerano bashizeko umukono yabayeho yemeza ko Kim Jong Un yiyemeje guhagarika burundu umugambi wo gukora ’ibigwanisho ruhonyanganda hamwe no kubikoresha.
Vianney BIKORIMANA
Forum posts
5 August 2018, 07:20, by Hakizimana Gerard
Korea Yoheba Kubandanya Ikora Ivyo Birwanisho Ruhonyanganda.
16 August 2018, 15:59, by kankindi
abanyamerika jewe barantwenza bega bobo ko babikora atawubabuza bashsaka kugendera kubandi babe aribo baduhonya nimubikore niho botekereza bakareka kwigira surivu