IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bujumbura-Rural : Inka zibiri bikekwa ko zariye uburozi basanze zapfiriye (...)

Bujumbura-Rural : Inka zibiri bikekwa ko zariye uburozi basanze zapfiriye mu ruhongore

mardi 2 janvier 2018

Izo nka zari izo umugabo azwi kw’izina rya Libere DUNARI aba ku mutumba Bikanka, zone Bikanka, komine Mukike, intara ya Bujumbura Rural.

Amakuru ava mu ku mutumba Bikanka, muri komine Mukike, amenyesha ko izo nka zasohotse zigiye kurira hanze ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 1 Nzero 2018, zihejeje zisubizwa mu ruhongore zose zikomeye.

Ayo makuru nyene amenyesha ko mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri, ariho basanga zibiri muri zitandatu, harimwo n’inyana zibiri uwo mushingantahe Libere DUNARI yari atunze zapfuye.

Musitanteri wa komine Mukike, NIMUBONA Renovat aremeza ayo makuru, akamenyesha ko abaganga b’ibitungwa bahashitse, bagasanga izo nka zoba zishwe n’ivyo zariye mu bwatsi zagaburiwe ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere.

Mu gihe hari amakuru yavuga ko zoba zapfuye zihawe uburozi,NIMUBONA Renovat arabeshuza ayo makuru, akavuga ko Libere DUNARI asanzwe abanye neza n’abandi, kandi ko izo nka ataho zoba zarariye uburozi, kuko zitagiye kure.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • TURASHIMA CANE INGENE IMANA YAHAYE UBWENGE INDONGOZI Z’IGIHUGU CACU CANE CANE MUTAMA WACU KIZIGENZA PETER NKURUNZIZA. GUMA KW’IVORA UTEZE IMBERE UBURUNDI NATWE ABO CAVUNYE TUKURI INYUMA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.