IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ihayanisha-gurisha ry’umwimbu uvuye mu burimyi ryatanguye i Bujumbura

Ihayanisha-gurisha ry’umwimbu uvuye mu burimyi ryatanguye i Bujumbura

jeudi 14 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu birori vyo kwugurura ihayanisha-gurisha ry’umwaka wa 2017, Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Deo Guide Rurema yamenyesheje ko ico gikorwa c’ihayanishwa gurishwa cama gitegurwa kugira bashire hamwe amashirahamwe y’abarimyi n’aborozi hamwe n’abandi bakorera muri ico gisata, gutanga ubumenyi mu bijanye n’ubuhinga bwo kurima no kworora, kubika, guhingura hamwe no kugurisha umwimbu.

Umushikiranganji Deo Guide RUREMA yavuze kandi ko murii co gikorwa c’ihayanisha-gurisha, ko bashira ahabona imigambi bihaye yo guteza imbere ivyo bisata, na cane cane mu gushikiriza imigambi abanyagihugu ijanye no kugwiza umwimbu, abarimyi n’aborozi nabo bavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu bakaboneraho akaryo ko kwunguruna ubumenyi.

Deo Guide RUREMA agira ati : « Iri hayanisha-gurisha rizofasha abarimyi n’aborozi bo mu bice vyose vy’igihugu, mu guhanahana ivyiyumviro bijanye no kurima no kworora hakwirikijwe imigambi yo kugwiza umwimbu kandi rizofasha abipfuza gukorera muri bino bisata kuza bafise ibikoresho n’ubuhinga bukwiye bujanye n’iterambere rigezweho.»

Muri uwo mugambi, ibimaze gushirwa imbere hariho gukingira isi-ndimwa mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w’uburimyi n’ubworozi, guteza imbere ibijanye no guhingura hamwe no kugurisha umwimbu hamwe no kuronsa ubumenyi n’ibikoresho bikwiye abakorera mu gisata c’uburimyi n’ubworozi.

Ku ngingo yafashwe yo kutadandaza hanze y’Uburundi umwimbu uvuye mu gihugu hagati, Deo Guide RUREMA asigura ati :

« Ibidandazwa bigurishijwe hanze y’igihugu mu rudubi no mu kivunga bituma haba uruhombo ku gihugu no ku banyagihugu. Nico gituma dutegerezwa kubitegura bigakorwa mu nzira nziza no ku nyungu z’igihugu n’abanyagihugu».

Richard HAVYARIMANA asanzwe ari umwunganirizi hamwe n’umuvugizi w’ihuriro ry’inani z’amashirahamwe y’abarimyi-borozi FOCABU- Ijwi ry’abanyagihu (Forum of Agricultural producer’s organisations of Burundi) avuga ko ishirahamwe ryabo rifasha kumenyesha abarimyi ko ibihe vy’itera bigeze canke bitaragera, rikongera rigafasha mu kubakarihiriza ubwenge ku bijanye n’uburimyi butonona isi n’ibidukikije, mu kubafasha guca imikobeko, hamwe no gutera ibiti bibana n’indimo.

Mwomenya ko iryo hayanisha-gurisha ry’umwimbu uvuye mu burimyi n’ubworozi ko ryama riba uko umwaka utashe, kuva mu mwaka w’2009.
Uwu mwaka wa 2017 rikaba ryatanguye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 14 Nyakanga, rikazorangira igenekerezo rya 16 Nyakanga ku civugo kivuga giti : «Twijukire uburimyi n’ubworozi bwa kijambere, mu guhangana n’ihindagurika ry’ikirere kugira tugwize umwimbu, turonke n’umusesekara dusagurira ku masoko ».


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.