IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanze intererano y’imifuko 100 y’isima yo kubaka ishure (...)

Econet Leo yatanze intererano y’imifuko 100 y’isima yo kubaka ishure ry’akarorero ry’imyuga rya Kinyami

Sunday 21 October 2018, by vianney

Umushikirangnji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA yateye iteka ivyo bikorwa yamenyesheje ko ashima kubona ishirahamwe Econet Leo ryitaba ibikorwa rusangi vyo kubaka iryo shure ry’akarorero ry’imyuga kuko vyerekana ko n’amashirahamwe ashigikiye ibikorwa rusangi n’ivyo.

Aimee Laurentine KANYANA yasavye uwaserukiye ishirahamwe Econet Leo kuzokwama babafasha murivyo bikorwa kuko ivyo basigaje kuriryo shure ari vyinshi.

Aimee Laurentine KANYANA yavuze ati:“Ubutunzi muturonderako muze mubugarukane hano iwacu,abanyagihugu babonye ko mubashigikiye mu bikorwa bazorushirizaho gukoresha umuhora wa Econet Leo.”

Uyo mushikiranganji w’ubutungane yasavye abanyagihugu bitavye ivyo bikorwa rusangi kubungabunga umutekano kugira ibikoresho vy’ishirahamwe Econet Leo ntivyononekare gutyo ibikorwa vyaryo bibandanye bifashe kuguma rishigikira ivyo bikorwa.

Celestin BUKENE yaserukiye ishirahamwe Econet Leo yavuze ko bashitse kuriyo nyubakwa y’ishure ry’akororero mu ntumbero yo kwitaba akamo ko gushigikira ibikorwa rusangi hamwe no kwifatanya n’abandi mu bikorwa rusangi.
Celestin BUKENE yavuze ati:“Akamo ko gushigikira ibikorwa rusangi twakitavye kuva kera nico gituma twaje kwifadikanya namwe. ”

Uyo yaserukiye ishirahamwe Econet Leo murivyo bikorwa yasavye abitavye ivyo bikorwa rusangi guterefona bakoresheje umuhora wa Econet Leo kuko uburyo batanga buboneka iyo abantu baterefonye bakoresheje umuhora wabo.
Celestin BUKENE yavuze ati: “Uburyo tuburonka iyo muterefonye mukoresheje umuhora wacu,terefone kugira tuzobandanye tuza.”

Iruhande y’umushikiranganji w’ubutungane yari yitavye ivyo bikorwa ,vyari vyitavye kandi n’umushingamateka Claude NAHAYO yatowe mu ntara ya Ngozi,buramatari w’iyo ntara hamwe na musitanteri wa komine Ngozi.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.