IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanze intererano y’amabati 50 kw’ishure ryisumbuye rya Sainte (...)

Econet Leo yatanze intererano y’amabati 50 kw’ishure ryisumbuye rya Sainte Therese de Mushasha

Saturday 10 November 2018, by vianney

Celestin BUKENE ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo akaba ariwe yashikirije iyo mfashanyo y’amabati ,yamenyesheje ko iyo ntererano bayitanze mu ntumbero yo kwitaba akamo batewe n’ishirahamwe « Association Ex ENF » rihurikiyemwo abahoze biga kuriryo shure kugira baterere umuganda wabo mu bikorwa vy’inyubako iryo shure risanzwe rifise.

Celestin BUKENE yavuze ko ishirahamwe Econet Leo risanzwe rishigikira ibikorwa vy’iterambere na cane cane mu bijanye n’amashure eka no mu bindi bintu bitandukanye.

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Sainte Therese de Mushasha,Sœur Polemie NSABIMANA yamenyesheje ko ashimiye ishirahamwe Econet Leo kubona ryifadikanije nabo mu kwitaba akamo batewe mu kubaronsa ingabire y’amabati.

Sœur Polemie NSABIMANA yasavye uwaserukiye ishirahamwe Econet Leo kuzobandanya babafasha hamwe no kubafata mu mugongo mu bindi bikorwa vy’iryo shure.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.