Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikorwa vya Amnesty International vyahagaritswe mu Burusiya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibikorwa vya Amnesty International vyahagaritswe mu Burusiya

Ibikorwa vya Amnesty International vyahagaritswe mu Burusiya

jeudi 3 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu kw’isi, Amnesty International, ryahagarikiwe ibikorwa vyaryo mu gisagara ca Moscow mu gihugu c’Uburusiya. Iyo ngingo yafashwe na Reta y’Uburusiya.

Abakozi b’iryo shirahamwe bari bazindutse ku kazi nk’uko bisanzwe, basanze inzira ishika aho bakrera yugawe. Imiryango y’inzu ikoreramwo abakozi ba Amnesty International mu gisagara ca Moscou yari yugawe n’amagufuri mashasha.

Muri iryo shirahamwe bakamenyesha ariko batigeze bamenyeshwa iyo ngingo yafashwe n’ubutegetsi bwa Moscou, kandi ko ata n’insiguro zatanzwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International mu Burursiya ryari rimaze iminsi risohora ivyegeranyo vyiyamiriza ukuntu agateka ka zina muntu muri ico gihugu butubahirizwa, ubutegetsi bw’ico gihugu nabwo bukiyamiriza ivyo vyegeranyo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.