IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Ishirahamwe SIEPE ryatunganije igiteramo Miss and Mister Fashion

Ishirahamwe SIEPE ryatunganije igiteramo Miss and Mister Fashion

jeudi 4 janvier 2018

Samuel NSEMEZIMANA, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe SIEPE, amenyesha ko iryo shirahamwe ryifuza guteza imbere abakiri bato bafise ingabire zitandukanye, mu ntumbero yo kubafasha gushira ahabona ingabire.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, Samuel NSEMEZIMANA, , amenyesha ko intumbero y’abo ari iyo guhindura ivyiyumviro ku rwaruka rufise ingabire, ariko ntibazikoreshe.

Avuga ati « Tugiye guha umwanya n’akaryo abakiri bato, bafise ingabire zitandukanye kugira bigaragaze, berekane ko bashoboye. »

Ku rwaruka ruzoba rwitabiriye ico giteramo, Samuel NSHEMEZIMANA amenyesha ko batazobata ihiganwa riheze, ahubwo ko bazokwama bababa hafi bakabaherekeza mu migambi bazoba barimwo.

Abazokwitaba iryo higanwa ryo gutambuka bose hamwe ni 30, abahungu 15 hamwe n’abakobwa 15.Haritezwe n’urundi rwaruka rufise ingabire zitandukanye nk’abaririmvyi, abacafyi, abagira magie, n’ubundi buhinga butandukanye.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.