Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Miss Ange Bernice Ingabire ari mw’ihiganwa muri Afrika y’epfo asaba (...)
Miss Ange Bernice Ingabire ari mw’ihiganwa muri Afrika y’epfo asaba amajwi
vendredi 25 Myandagaro 2017
Amakuru dukura ku kinyamakuru vantle.net, yerekana ko hariko hahiganwa aba Miss mirongo ibiri na babiri (22) bava mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika. Mu karere ka Africa y’Ubuseruko, hitavye Uburundi na Uganda gusa. Iryo higanwa rya Miss Africa rifise icivugo gikurikira : "Kwishimira Afrika, umugambi wo gusubiza icizere mu kugwanya ubukene n’ivyiyumviro vyo gukumirana bifatiye ku rukoba mu bumwe bwa Afrika".
- Miss Ange Bernice Ingabire
Muri iryo higanwa, Uburundi bwaserukiwe na Miss Ingabire Ange Bernice yatowe mu mwaka w’i 2016. Ange Bernice asaba uwo wese akunda Uburundi n’Abarundi kumuhunda amajwi. Aratera akamo urwaruka gushigikirana, mu gihe urwaruka rw’Uburundi ruba ruriko ruhiganwa mu makungu.
Uwipfuza gutora yandika http://vantle.net/pageants/61, aca abona urutonde rw’aba Miss bariko barahiganwa. Naho biri uko, gutora bisaba amafaranga atangwa n’uwutoye. Ijwi rimwe rigurwa ama Dorari 0,25 (0,25$), amajwi ane nayo agurwa idorare rimwe, amajwi 45 agurwa amadorare 10, nayo amajwi 2,775 akagurwa amadorare amajana atanu (500$).
Ihiganwa rya "Miss Africa Continent" ririko ribera mu gisagara ca Johanesburg muri Afrika y’epfo, rikaba risigaje iminsi umunani kugira rihere. Aho rigeze, aba Miss batanu bari imbere mu majwi baramaze kuboneka. Abo nabo ni Miss Liberia, Miss Siera Leone, Miss Zambia, Miss Guinee Conakry, hamwe na Miss Sud Africa.
Cherif Nkeshimana
Messages
25 Myandagaro 2017, 14:49, par sylvere
Hari abantu bensgi bipfuza kumushigikira ariko birabagora. nibaza ko yari akwiye gushiraho abamufasha gushira amarundi muma dollar kubera hari abatazi burya bwo kuriha electroniquement muburundi ntiburwiriye cane.
26 Myandagaro 2017, 10:11, par nephtalie
Bene data dusangiye urugendo rwo kuja mw’ijuru jewe ico mbona tugeze mubihe bigoye yesu yavuze jewe mwenayo mahiganwa mbonako bijanye n’ubwibone mwibuke haribintu 6 mbere ni 7 bisesema uhoraho aho harimwo ubwibone.Usoma niyiyubare kandi n’uwumva yumve ico mpwemu abwira amashengero.
27 Myandagaro 2017, 10:11, par Alice mushengezi