IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 16 Myandagaro

Itarike 16 Myandagaro

jeudi 16 Myandagaro 2018

Igenekerezo rya 16 Myandagaro

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1645: Jean de la Bruyère, umwanditsi akomoka mu Bufaransa. Uwo mwanditsi akaba azwi cane ku gitabo yanditse mu 1688 citwa "Les Caractères ou Les Moeurs de ce siècle"

JPEG - 122.5 ko
Jean de la Bruyère

1941: Théoneste Bagosora, uwabaye umusirikare mu gisoda c’Urwanda. Bagosora akaba ari muvyara wa Aghata Habyarimana umutambukanyi wa Juvénal Hbyarimana yabaye umukuru w’igihugu c’Urwanda. Théoneste Bagosora niwe yabaye intwazangabo ya mbere y’aronse inyigisho za gisirikare mw’ishuri ry’abafaransa. Ni umwe mubagirizwa kuba barateguye ihonyabwoko ryabaye mu gihugu c’Urwanda. Mu 2008, sentare mpuzamakungu mpanavyaha kw’ihionyabwoko ryabaye mu Rwanda yamuciriwe umunyororo wo guhereyo.

JPEG - 24.5 ko
Théoneste Bagosora

1958: Madonna, umuririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi w’umunyamerika. Uwo muririmvyi akaba yataziriwe "Umwamikazi wa Pop". Yasohoye urukurikirane rwiwe rwa mbere yitiriye izina ryiwe mu 1983. Urukurikirana rwiwe rwanyuma kugera ubu akaba ari "MDNA" mu 2012.

JPEG - 37.6 ko
Madonna

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1861: Ranavalona wa 1, umwamikazi wo muri Madagascar.
1886: Râmakrishna, indongozi yo mw’idini ya hindou.
1949: Margaret Mitchell, umwanditsi w’umunyamerika.
1977: Elvis Presley, umuririmvyi w’umunyamerika. Bamutazira "The King"(Umwami). Ari mubatumye umudiho wa Rock and roll umenyekana kw’isi nzima. Presley yaramenyekanye cane kw’isi yose.

JPEG - 6.8 ko
Elvis Presley

2003: Idi Amin Dada, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubuganda. Izina ryukuri ryiwe yitwa Idi Awo-Ongo Angoo. Yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 25 Nzero 1971 ava ku butegetsi itariki 11 Ndamukiza 1979. Yari umukuru w’igihugu yatwaza umukazo, ku ntwaro yicishije abantu benshi. Yagirizwa ko yanarya inyama z’abantu.

JPEG - 18.6 ko
Idi Amin Dada

2006: Alfredo Stroessner, umukuru w’igihugu ca Paraguay kuva 1954 gushika 1989.

Ibihimbazwa

. Paraguay: Umunsi mukuru wahariwe abana. Aho hibukwa igandagurwa ry’abana bagera ku 3 500 mu ndwano yiswwe Campo Grande.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.