Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Koffi Olomide > Itike ya mbere izimvye yo mu biteramo vya Koffi yaguzwe na Gaston (...)
Itike ya mbere izimvye yo mu biteramo vya Koffi yaguzwe na Gaston SINDIMWO
jeudi 29 Ruheshi 2017, par
Aho bukera kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi, Koffi Olomide n’umurwi wiwe bazobica bicike mu giteramo kizobera kuri Zion Beach mu gisagara ca Bujumbura. Umurwi munini ugizwe n’abahinga batandukanye harimwo abaririmvyi, abatamvyi, abategura bakongera bakambika abatamvyi n’abaririmvyi baraye bashitse mu gisagara ca Bujumbura. Uwo niwo murwi wa Koffi Olomide batazira Le Grand Mopao yise "Quartier Latin".
Si abo gusa, igihe c’isaha zitatu z’igitondo c’uno wa kane, ku kibuga c’indege ca Bujumbura niho "Le Grand Mopao" ubwiwe yashika mu Burundi.
Tubibutseko ko itike ya mbere izimvye mu biteramo vya Koffi yaguzwe imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi. Iyo nayo yaguzwe na Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ikindi n’uko ivyo biteramo vyashizwe mu ntumbero yo guhimbaza imyaka icumi Uburundi bumaze buri mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC). Ivyo bikaba vyaravuzweko amajambo aho bamwe bavyiyamiriza kuri ayo mafaranga yose yatanzwe ku giteramo ca Koffi Olomide, abandi bakabona ko ico giteramo gishobora kugira isanamu ya poritike, mu kwerekana ko mu Burundi hari amahoro.
Cherif NKESHIMANA
Messages
30 Ruheshi 2017, 07:45, par claire
programme y’ibitaramo imeze gute?
30 Ruheshi 2017, 13:28, par BUSURAHENDE
Nta gitangaza kirimwo kumva yuko Gaston Sindimwo ariwe yaguze itike izimvye cane kuko iyo ufise umushitsi aza agana wewe ni ngombwa umwihebere. Mbe ngo bashikiye muhira iwe?