Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Menya ivyo Natacha yakoze imbere y’ugufata akaruhuko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Natacha NGENDABANKA > Inkuru > Menya ivyo Natacha yakoze imbere y’ugufata akaruhuko

Menya ivyo Natacha yakoze imbere y’ugufata akaruhuko

mardi 4 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ari kumwe n’umugabo wiwe Alfredo Frojjo aturuka muri ico gihugu nyene, hamwe n’abana biwe Nziza Leilla na Giulio Frojjo, eka n’uwo bavukana Rosa Ngendabanka, baraye bashitse mu Butaliyano. Amakuru ava mu begereye uwo muririmvyikazi yaheruka gushimirwa n’umukuru w’igihugu avuga ko ata kindi kimujanye n’umuryango wiwe atari gufata akuruhuko, kanatsinda igice ca mbere c’umwaka cagenze neza.

Mbega Natacha yakoze iki mu gice ca mbere c’umwaka w’i 2017?

1. Yarasohoye indirimbo yongera akora n’isanamu y’ururirimbo Abarundikazi

2. Yaratunganije igikorwa cogufasha abavyeyi bageze muzabukuru bo muri Kinama, aho yabafashije mu kubaha amasafuriya, ibitenge, amasabuni, umuceri n’ibiharage.

3. Yaratunganije isabukuru yahariwe ururirimbo ruhayagiza umukenyezi igice ca kane, aho yatumiye Linda Alindi aturuka muri Kenya.

4. Yarasohoye amajwi n’amasanamu y’ururirimbo "Gerageza" yakoreye mu gihugu ca Tanzania

5. Yaratunganije kandi igiteramo yise "Gerageza Show" cabereye kuri Black and White.

Tubibutse ko Natacha yaheruka guhabwa agashimwe n’Umukuru w’Igihugu. Ikindi twobibutsa n’uko agiye mu karuhuko mu gihe afise ibikorwa vyimirije, aha tuvuga igiteramo Dunda na Buja Fm2017 hamwe n’igiteramo categuwe n’Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu (RTNB).


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.