Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Ikigo kijejwe igendereza kigiye gutwarwa ubwa mbere n’umugore
USA : Ikigo kijejwe igendereza kigiye gutwarwa ubwa mbere n’umugore
vendredi 18 mai 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’Abongereza BBC amenyesha ko, Gina Haspel yatowe n’abakenguzamateka 54 abangana 45 nabo ntibamwemeza.
Gina Haspel yahora ari umukozi ari mu bakomeye ba CIA yari azwi cane k’uburyo bwihariye yakoresha mu kubaza uwagirwa mu gihe c’amatohoza akaba kandi yahora atwara ibohero ritazwi aho riherereye hanze y’igihugu ca Amerika bivugwako risinzikariza ubuzima bw’abahafungiwe.
Amwe mu mashirahamwe arwanira agateka ka zina muntu ashikiriza ko Gina HASPEL yatowe gutwara CIA, ata kandi agiye kubandanya gukora atari gusinzikariza ubuzima bw’abantu
BIKORIMANA Vianney