Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya : Reta yahagaritse urubuga Telegram mu gihugu
Uburusiya : Reta yahagaritse urubuga Telegram mu gihugu
samedi 14 avril 2018
Amakuru atangwa n’ikigo kijejwe kugenzura itumatumanako muri ico gihugu amenyesha ko, caheruka kugabisha urwo rubuga rwa Telegram ko hageze igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018 rutaratanga urupfunguruzo rutanga uburenganzira bwo gukwirikirana ubutumwa buca kuri urwo rubuga ruzoca ruhagarikwa.
Imwe mu mvo zatumye ikigo kijejwe umutekano gisaba guhabwa uburenganzira bwo kwinjira mu butumwa buca kuri urwo rubuga kwari kugerageza kugwanya ibitero vy’iterabwoba bishobora guterwa mu myaka iri imbere.
Pavel Chikov asanzwe yunganira ikigo Telegram kubijanye n’amategeko yavuze ko gusaba kwinjira mu butumwa bw’abakoresha urwo rubuga biciye kubiri n’amategeko ngenderwako y’igihugu.
Reta y’Uburusiya isanzwe yagiriza urwo rubuga ko abakora ibikorwa vy’iterabwoba arirwo bifashisha mu gutunganya ivyo bikorwa bigayitse.
BIKORIMANA Vianney
Messages
17 avril 2018, 14:37, par merchisede
Andika hano indirimbo