Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwana wa Tyson Gay yishwe arashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwana wa Tyson Gay yishwe arashwe

Umwana wa Tyson Gay yishwe arashwe

lundi 17 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukobwa w’imyaka cumi n’itanu wa rurangiranwa mu kunonora imitsi, Umunyamerika Tyson Gay, yarashwe arapfa muri Reta ya Kentucky.

Trinity Gay yaciye acikana amaze kuraswa mw’izosi, ababibonye bakavuga ko habaye ukurasana hagati y’abantu bari mu miduga ibiri mu masaha ya kare mu gitondo co kuri uwu w’Imana, mu gisagara ca Lexington.

JPEG - 49.5 ko
Tyson Gay ari kumwe n’umukobwa wiwe Trinity Gay

BBC ivuga ko igiporisi cafashe abantu babiri, bakaba bariko barakorwako amatohoza.

Tyson Gay niwe wenyene akurikira Umunyajamaica, Usain Bolt, mu bamaze kugira umwanya muto cane kw’isi mu kwiruka basiganwa kw’imetero ijana.

Yaranamaze umwaka mu gihano kubera gufata imiti yongera inguvu, kubera ivyo bihano, umudari w’umwakaka yari yatsindiye mu nkino za Olympiques z’i Londres mu 2012 barawumwaka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.