Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwana wa Tyson Gay yishwe arashwe
Umwana wa Tyson Gay yishwe arashwe
lundi 17 Gitugutu 2016, par
Umukobwa w’imyaka cumi n’itanu wa rurangiranwa mu kunonora imitsi, Umunyamerika Tyson Gay, yarashwe arapfa muri Reta ya Kentucky.
Trinity Gay yaciye acikana amaze kuraswa mw’izosi, ababibonye bakavuga ko habaye ukurasana hagati y’abantu bari mu miduga ibiri mu masaha ya kare mu gitondo co kuri uwu w’Imana, mu gisagara ca Lexington.
- Tyson Gay ari kumwe n’umukobwa wiwe Trinity Gay
BBC ivuga ko igiporisi cafashe abantu babiri, bakaba bariko barakorwako amatohoza.
Tyson Gay niwe wenyene akurikira Umunyajamaica, Usain Bolt, mu bamaze kugira umwanya muto cane kw’isi mu kwiruka basiganwa kw’imetero ijana.

Yaranamaze umwaka mu gihano kubera gufata imiti yongera inguvu, kubera ivyo bihano, umudari w’umwakaka yari yatsindiye mu nkino za Olympiques z’i Londres mu 2012 barawumwaka.
IGIHE
Messages
17 Gitugutu 2016, 11:44, par kamaro
muri Amerika retayaho yamaze abanyagihugu turasavyeko ONU yorungikayo inteko nvamakungu zigende gukingirs abanyagihugu,
17 Gitugutu 2016, 15:44, par .
Mr. Trump arabivuga kubwicanyi bwamaze kurenga urumogi bakamwita ko ngwaronhoye America ngw’Isi yogira ibibazo nkibaza ivyobibazo Isiyogira bisumba ivyoturimwo nkayoberwa.
17 Gitugutu 2016, 16:14, par jokoros
Muri Amerika agateka kazina muntu karubahirijwe kugeza ku bice 99%. Mu Burundi niho hakwiye ibihano.
17 Gitugutu 2016, 16:22, par Wavenzwe Richard
Abahinga ba ONU muvyagateka kazina muntu sinzi ico barindiye kugira icegeranyo banasabe inteko zija gukingira abirabure. Hahahaha
17 Gitugutu 2016, 16:43, par copy
Birababje.