Home > Amakuru > Rwanda > Urwanda: Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi ari mu rugendo murico (...)
Urwanda: Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi ari mu rugendo murico gihugu
Tuesday 24 July 2018, by
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’ubuhindi Narendra Modi yakiriwe i Kigali kuruno wa kabiri igenekerezo rya 24 Mukakaro 2018,n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME ,mu rugendo arimwo murico gihugu rw’imisi ibiri.
Uyo mushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi Narendra Modi atunganije urugendo mu Rwanda inyuma yaho umukuru w’igihugu c’Ubushinwa ahejeje urugendo rwiwe rw’imisi ibiri aho mu gihugu c’Urwanda nyene.
Narendra Modi abaye umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi agendeye igihugu c’Urwanda intumbero y’urwo rugendo akaba ari ugukomeza umubano hamwe n’imigenderanire hagati y’Ubuhundi n’Urwanda.
Bitegekanijwe ko Narendra Modi azokwitaba inama y’ihuriro y’abagwizatunga b’Urwanda na bo mu gihugu c’Ubuhindi yongere atange inka zishika 200 mu karere ka Bugesera mu ntumbero yo gushigikira umugambi wiswe“Girinka.”
Imigenderanire hagati y’Urwanda n’igihugu c’Ubuhindi watanguye mu mwaka w’i 1999, aho ku murwa mukuru New Delhi Urwanda rwashizeho ibiro vy’uwugiserukira.
Abahindi baba mu gihugu c’Urwanda bangana ibihumbi 3, benshi muribo bakaba bakora ibikorwa vy’ubudandaji nko kudandaza ibikoresho bikoreshwa mu buhinga bwa none n’ibindi.
IGIHE
Forum posts
24 July 2018, 15:16, by kiradagadaga
mbe uburundi bwo bazobugendera ryari?
24 July 2018, 15:37, by Ngenzi
U Rwanda n’igihugu ciyubaha . Imana ikomeze kugiteza imbere
26 July 2018, 09:24, by nkotanyi
u Rwanda muri iyi minsi rwerekanye ko ari igihugu gifite aho kimaze kugera kwakira mu cyumweru kimwe abayobozi nkaba bakomeye ku isi . ikindi ni ikikwereka ubushobozi ibikorwa remezo byateye imbere gucumbikira president w’uhushinwa iminsi ibiri mu gihugu na ministeri w’intebe w’ubuhinde 2jrs ntabwo byoroshye ni ikimenyetso cy’uko igihugu cyacu kizewe ku mutekano.
27 July 2018, 14:16, by Jimmy
nanjy nifuzagak nk’ umuntu yubaha Imana akanayikorra I Burundi hagenderwa nk’ urwa Gasabo. U Burundi bagakundan nu Rwanda
30 July 2018, 08:29, by Hafsa
Jewe murantwenza ngo u Burundi bazobugendera ryari?mbe borara hehe?u Rwanda ni Israel y’Africa,yaco mugereranya u Rwanda n’u Burundi