Accueil > Amakuru > Rwanda > Ababikira babiri b’Abanyarwandakazi biciwe muri Yemen
Ababikira babiri b’Abanyarwandakazi biciwe muri Yemen
dimanche 6 Ntwarante 2016, par
Umwungere wa Ekereziya Gaturika Papa Francisko yiyamirije ubwicanyi bwakorewe abantu 16 barimwo ababikira babiri b’Abanyarwandakazi muri Yemen.
Abo bantu bishwe kuri uwu wa gatanu n’abantu bitwaje ibirwanisho, bikikekwa ko ari abarwanyi bo mw’idini ya Islam.
Abo bantu biciwe mu kigo c’abagatorika kibamwo abatama n’abatamakazi mu gace ka Aden.
Abishwe ni ababikira bane bo mu muryango w’aba-Calcutta, abaganga bane, abacunga umutekano bane, hamwe n’abajejwe gukora isuku.
- Kimwe mu vyumba abo bantu biciwemwo
Abo bicanyi binjiye muri ico kigo, bahenda abajewe umutekano bari kw’irembo ko baje kuramutsa nyina wabo aba muri ico kigo.
Ababikira b’Abanyarwandakazi bishwe ni Mukashema Marguerite akomoka muri Diyoseze ya Kabgayi na mugenzi wiwe akomoka muri Diyoseze ya Ruhengeri, ariko izina ryiwe rikaba ritamenyekanye.
Mu kwica abo batama n’abatamakazi, babanje kubabohera amaboko i mu gongo nk’uko vyabonekeye ku biziga vyabo.
Vatikano yamenyesheje ko yababajwe n’ubwo bwicanyi, nawe Papa Francisko akaba yahojeje imiryango yabuze.
IGIHE
Messages
6 Ntwarante 2016, 11:59, par Niyokwizera Onésime
Iryavuzwe ririko rirashika ryuko Uruhamo rw’Abakristu ruhari kw’Isi nzima.Ntayindi ntumbero.
6 Ntwarante 2016, 20:09, par Cyprien gisuru
kwer twebwe turababazwa nukumva abakoz b’Imana, baguma baricwa. turavye ivyabaye mu burundi, none raba birasubiye. uko biri kose imana izokwishura kuvyo bariko barakora.
6 Ntwarante 2016, 20:33, par Muhima
Amakuru atugeraho avuga ko abo babikira bari bashinzwe isoko rya kagame acuruzamo ibice by’imibiri by’abantu (imitima, impyiko,...) kuko ngo nibo bari bashinzwe icyo kiraka muri muburasirazuba bwo hagati.
7 Ntwarante 2016, 22:03, par masabo
ntasi idahamba basha. none nkubu iyo reta ya yemen idashobora gukingira abanyagihugu bakibamwo mwumva imaziki? ubwo president nawe aguma yihisha akurura imirambo? gose birababaje. turahojeje imiryango yabuze kandi tumenyeko kwisi umwicanyi nuwo kurwanywa tutaravye ivyo aharanira.
8 Ntwarante 2016, 10:50, par UWITONZE.Jeand.amaur
TWIHANGANISHIJE IMIRYANGO YABASIGAYE ABATASHYE IMANA IBAKIRE MUBAYO
11 Ntwarante 2016, 12:53, par turiya
Wewe wiyita muhima nagira ndakubwire ko ivyo uvuga bikugaragaza uwuriwe n urwanko rwagusabitse. Abo uriko uragiriza ngo bakorera Kagame ni abakozi b Imana bapfuye bari mugikorwa c urukundo mugutabara abababaye nk uko therese w i Calcuta yabibaraze baranzwe n urukundo n umutima wakimuntu nayo wewe ivyo uvuga n imvugo z abakozi ba shetani ukorera. reka guta umunwa kuko nawe ntuzotura nk umusozi. Gabanya urwanko ufitiye urwanda kuko ntaco uzorugira usivye gupfana umuzigo w urwanko ataco uzokumarira
22 Ndamukiza 2016, 22:21, par Raymond
Birababaje Pe!