IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Abaririmvyi 6 bazoca mu gice canyuma ca Primusic 2014 bamenyekanye

Abaririmvyi 6 bazoca mu gice canyuma ca Primusic 2014 bamenyekanye

dimanche 17 Myandagaro 2014

Igice ca kabiri c’ihiganwa Primusic caraye kirangiye, abaririmvyi batandatu (6) bavuye muri 12 bari bashitse mu gice ca kane c’amahiganwa. Igiteramo c’agakura kiremeshweje n’abaririmvyi bakunzwe cane mu Burundi citabwe n’abantu isinzi.

Inyuma yaho abaririmvyi 12 binjiye mu gice ca kane c’amahiganwa batowe muri 46 nabo batowe mu ntara zose z’Uburundi, igice ca kabiri c’amahiganwa categerezwa gutorwamwo 6 bazoja mu gice ca nyuma.

Ku kibuga c’i Gitega, abaririmvyi 12 barahiganywe kugira havemwo 6 bazoja mu gice canyuma c’ihiganwa. Abaririmvyi vyaboneka ko baronkejwe inyigisho zihagije na wa muhinga mu muziki yaje ava mu gihugu ca Kenya, vyari bigoye gutoramwo abo 6 bategerezwa kurengana.

Bambaye neza nk’urubanza biteguriye bikwiye, abaririmvyi bari bafise n’umurwi ubavugiriza ibicurarangisho bakanafasha uwugezweho k’uririmba. Abajejwe gutanga amanota ntibari bagikorera kuri wa mwanya w’iminota 2 yahabwa abaririmvyi mu gice ca mbere c’amahiganwa.

Batandatu batowe ni aba bakwirikira: Joe Christian Irankunda , Kaze Sosthène , Akiteretse Edwuin , Olga Lorie , Christian Irankunda na Jean Papy Amissi.
Abo bazoheza bahurire mu gice ca nyuma kizobera mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro ari naryo sango ryokuzotangirako za miriyoni 20, hamwe n’ubundi bushimwe butandukanye.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.