IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Abaririmvyi batowe mu ntara muri Primusic bashitse kw’isimbo y’inuma

Abaririmvyi batowe mu ntara muri Primusic bashitse kw’isimbo y’inuma

lundi 28 Mukakaro 2014

Inyuma y’igikorwa kitoroshe co kurondera abazoserukira igisagara ca Bujumbura muri Primusic, abaririmvyi 14 bagatorwa muri 20 bavuye ku baririmvyi isinzi bari biyandikishije, n’intara ya Bubanza yararonse abaririmvyi bazoseruka mu gice ca kane c’ihiganwa. Eka na Bujumbura Rural yaraserukiwe, inyuma y’intara ya Cibitoke, igice c’umunani kizoba kirangiye.

JPEG - 1.7 Mo
abatowe mu gisagara ca Bujumbura bariko bahabwa impanuro

Abaririmvyi 14 bazoserukira igisagara ca Bujumbura baramenyekanye mu giteramo c’agakura ca Primusic cabereye muri Komine Kinama kuri uwo wa gatandatu igenekerezo rya 26 Mukakaro. Hari hiyandikishije abarenga 200, abatanga amanota baragabanya hasigara 20. Abo nibo baciye batorwamwo 14. Abatowe ni : Nahimana Platini, Halidi Bitariho, Nzobonimpa Albert Koulu, Nimbona Macedoine, Thomas Ndayishimiye, Methode Nshimirimana, Jean Christian Ninteretse, Thierry Nduwayezu, Manirampa Lionel, Noella Igiraneza, Gladis Inabeza, Buki Elyse, Hamissi Jean Pedro.

Bukeye bwaho, ihiganwa rya Primusic ryabandanirije mu ntara ya Bubanza, abanyagihugu bagwira uko umwanya uza bahamagarwa n’igiteramo cariko kiremeshwa n’abaririmvyi baserukira ishirahamwe Brarudi mw’ihiganwa Primusic. Inyuma yo kwumvirizwa imbere y’abaraho n’abatanga amanota, Mujimbere Gabriel na Irandagiye Aletta baciye batorwa kuzoserukira intara ya Bubanza.

Tubamenyeshe ko intara ya Bujumbura rural izoserukirwa na Uwimana Ester na Butoyi Moise.
Inyuma y’intara ya Cibitoke, ihiganwa rya Primusic umwaka w’2014 rigiye kuranginza igice c’umunani c’amahiganwa. Abaririmvyi 46 nibo batowe mu ntara zose. Abo rero bazoca bahura mu gice ca kane gishira ica nyuma kizobera mu ntara ya Kirundo. Nk’uko umurwi utanga amanota uguma ukebura, abatowe basabwa kwitegurira bihagije ibice vy’ihiganwa bisigaye.

JPEG - 96.7 ko
Mujimbere Gabriel na Irandagiye Aletta batowe i Bubanza

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.