IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Afrika : Udukoresho dufasha abigeme bari mu butinyanka dukwiye gutangwa ku (...)

Afrika : Udukoresho dufasha abigeme bari mu butinyanka dukwiye gutangwa ku mashure

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Bamwe mu bana b’abigeme bo muri Afrika bageze mu bihe vyo kubona ubutinyanka baragira ingorane zitari nke zivuye ku bukene, kuko bataronka ibikoresho vyabigenewe ’’serviette Hygiénique’’.

Abo bigeme bava mu miryango ikenye, kubera ukubura uko bagira, baca bahitamwo gukoresha impuzu zaheze, ibimuse bivuye ku ma matelas , abandi nabo bagashima kutaja kw’ishure. Ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika biriko birondera inyishu botorera iyo ngorane nk’akarorero igihugu ca Uganda.

Bamwe mu barongozi b’amashure rero bo mu gihugu ca Uganda bavuga ko babona ko bizogorana kwitaba akamo batewe na Reta ya Uganda ko kugura ibikoresho vy’ishure vyihutirwa, bakavuga nka twa dukoresho nyene abigeme bakoresha bari mu butinyanka serviette hygiénique’’ , imyambaro yishure yo guhindura, n’ibindi.

Mu gihugu c’Ubuganda abigeme mirongo itandatu nibo bafise iyo ngorane yo kutaronka ico bakoresha mu gihe bari mu butinyanka , muri Afrika naho umwigeme umwe kuri 10 akaba afise nawe nyene iyo ngorane, nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe ryitaho ineza y’abana Unicef. Mbere mu bihugu bitari bike bikenye abana b’abigeme barasiba buri kwezi indwi yose kubera kubura ico bakoresha.

Umunyafrika y’Epfo Sue Barnes, afise imyaka 49, yagize umwitwarariko ku bijanye n’abo bana b’abigeme maze yiyumvira ico yokora, niko kuca akora agapake karimwo utwo dukoresho 9(9 serviettes hygiéniques) bashobora gukoresha kenshi mu kiringo c’imyaka itanu, hamwe n’uduhuzu two munsi dutatu, akaba atugurisha amafaranga 15 y’amanyaburaya.

Uwo mukenyezi avuga ko yababaye cane asanze hari abigeme bakoresha ibikoresho bitarivyo mu kwikingira amaraso ntabajeko, aha kavuga abakoresha amasashe, amababi, n’ibindi. Uwomunyafrika y’epfo akaba akorera utwo dukoresho ab’i Lesotho hamwe na swaziland.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.