IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Ngagara : Imyanda inuka cane yisesa ahaca abantu

Ngagara : Imyanda inuka cane yisesa ahaca abantu

dimanche 22 Ntwarante 2015

Mu gace bita Arusha muri komine ya Ngagara, harakunda kwibonekeza amazi mabi rwose, abanyagihugu bagasaba abatware kubafasha kugira ico kibazo c’yo mazi anuka gihebe kive mu nzira.

Muri ako gace, amazi mabi anuka rwose, avanze imyanda itandukanye irimwo mbere n’amazirantoke, ikaba ikunda kuhibonekeza, iyo myanda nayo, abanyagihugu bakavuga ko iva mu kinogo gicamwo iyo myanda, ikakivamwo, ikisesa ahaca abantu. Abanyagihugu baca muri ako gace, bahaca bapfunze amazuru, bakavuga ko bafise ubwoba bwoguterwa n’indwara ziva kw’isuku rike, narirya amazirantoke usanga areremba hejuru.

Abo banyagihugu bakavuga ko n’abategetsi batandukanye bo muri ako gace babizi, ariko bakaba baguma barindiriye ikizokorwa mu maguru masha. Atagikozwe, abo banyagihugu bati : ‘’Indwara ya korera n’amacinya turareha mu minsi mike’’.


Aristide Nizigire

Messages

  • banyengagara nukuri muhaguruke mukore isuku aho hanu nabukuru buducimbiri,nkuko mubizi ngagara yamye irangwa nisuku.

  • birababaje cane kubona abantu biyita ko bize kandi arivyo bijuju bikuru mugihugu cite nka ngagara igira umwanda kuburyo abantu babura inzira leta yaragowe gutwara uburundi numusaraba abantu bamenyereye gukoregwa vyose birababaje ibarabara imiserege biraba ababikoresha mugihe bibungabunzwe ntacobiba iyomyanda muvuga suwokumutakura yayizanye nimwebwe mugire isuku ubundi urabe yuko mutazoba heza ibikoragwa rusangi mwabishize mukabati mwiyibagiza ko leta arimwebwe igihugu gisanabi nakamaramaza kubarundi ntimwiyunvire kwari leta

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.