Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Impanuro ku bafise ingorane z’amakomoto kabi mu gitsina-gore
Impanuro ku bafise ingorane z’amakomoto kabi mu gitsina-gore
mardi 26 Rusama 2015
Hari bamwe mu bagore canke mu bakobwa bafise akamoto kabi kava mu gitsina cabo, bagerageza mu kugira isuku ako kamoto kabi kaveho, ugasanga bakabikora nabi.
Muganga Butoyi Alphonse, ni umuganga akomeye mu kuvura indwara z’abagore mu Bitaro La Crois du Sud mu gihugu c’Ubuganda. avuga ko kizira kwipompa amavuta amota nk’uko benshi bashaka kubikora uko. Mu gitsina harimwo imigera (microbie saprophytes) ishinzwe kuhasukura n’iyindi ishinzwe kuharinda. Iyo umuntu akoresheje amasabune mu gusukura igitsina, bituma za microbe zipfa kandi ntizongere kuronka ubushobozi bwo kuhacunga. Muganga Butoyi ati : "Akamoto kabi ko mu gitsina iyo atari umwanda kaba gaterwan’indwara zitandukanye, abagore n’abakobwa basukura mu gitsina cabo bakoresheje amazi bikanka hakaguma hamota nabi, bategerezwa kwihutira kwa muganga, babarabire ikibitera.”
Uwo muganga avuga umugore canke umukobwa usukura igitsina ciwe ategerezwa guhera imbere ajana inyuma (mu gisusu) kuko niho haca imwanda mubi, uramutse ushitse mu gitsina ushobora kuhatera indwara zitandukanye. Hari ubwoko bw’indwara nyishi zishobora gutuma mu gitsina haba akamoto kabi, aha tuvuga nk’iziva ku miti imwe imwe ituma abasirikara bajejwe ico gikogwa basinzikara, nkimiti ya SIDA, ya Diabeti, gukoresha amasabune atandukanye n’ibindi.
Muganga Butoyi, agira inama abagore n’abakobwa yo kuja bambara twaduhuzu two munsi dukozwe mw ‘ipampa(Coton100%), kuko ari yo abika ubushuhe ntibwijire mu gitsina kugira bwice imigera ishinzwe kuhacunga . Abagore n’abakobwa kandi bagirwa inama yo kumesa utwo duhuzu two munsi mu mazi meza, no kutwanika ku zuba, abatabishoboye bakatugorora mbere yo kutwambara.
Bill Nkurunziza
Messages
26 Rusama 2015, 16:07, par gasore
jewe ico novuga ni uko tutoharira kubanuka n-abatanuka .Igikuru ni uko twoja tugira isuku ata numwe avuyemwo .Kandi muze muririnda gutuka ivyo bituba kuko nivyo mwavuyemwo .Mukomere
26 Rusama 2015, 17:18, par Reverien
Gasore vip? igitsina ntakugipompa ibimota, erega carahezagiwe bagikunda gusumba ikija munda.
26 Rusama 2015, 20:42, par Dr HARERIMANA
EREGA NUBWO BAGIKUND ATASUKU NTACO KIMAZE."VAGIN C,EST COMME POUBELE".BANDANY UDUTOHOREZA INKUR MUGANGA BUTOYI
26 Rusama 2015, 20:44, par frying
mwirinde kuvyo mubivugako kko mwosanga mwishe ibwirizwa rya 7
26 Rusama 2015, 22:08
Nibageragezekuvuzivyobihimbavyumubiri,bidusoserakurutinanasi.Cankenaho,batanguregusiramugwankabahungu!Ngiranihovyohera?
27 Rusama 2015, 14:58, par bihenegeri
C’est un milieu sacré, uwo muganga rero nareke kubivugira hejuru; kuko ni ahantu n’ abakuru b’ibihugu bose baciye kuko ntibaje bava mu birere. Ico kintu kirazira kugikinisha muguma muvuga nkuko mwishakiye. Nuwo muganga ntasubire kuza arabivugira kuri runo rubuga. Kuko kurubuga habaho nabantu batarezwe.
27 Rusama 2015, 21:21, par PAGIJA
abanuka bara gowe kuko bazo harikwa ntaworara mumunuko abatanuka bariho.
2 Mukakaro 2015, 23:40, par ERIC
KUMUHUNGU NAHONYE COBA KIZIRA KUMWA UMUSHATSI WO KUGIHIMBA CIRONDOKA?
30 Gitugutu 2015, 05:58, par salim
Igihambaye nuko bibwigwa benshi bikumva benevyo impanuro duhaw na muganga ntizikwiy nukubaza ababijejw kugira uyahure neza hama ukurikiranwe nababishoboye
12 Ndamukiza 2017, 14:01, par Nkurunziza Amini
Non Umuntu Agaway Amera Gt