IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Knowles > Butera Knowless yasezeye muri Primus Guma Guma Super Star 4

Butera Knowless yasezeye muri Primus Guma Guma Super Star 4

jeudi 6 Ntwarante 2014

Umuririmvyikazi avuka mu gihugu c’Urwanda Ingabire Butera Jeanne d’Arc, azwi kw’izina rya Knowless yasezeye mw’irushanwa rya Primus Guma Guma Super Star incuro ya 4 ririko ribera muri ico gihugu, ku mvo atahandi zivuye atari kuri we.

Gusezera kwa Knowless mw’ihiganwa rya Primus Guma Guma Super Star(PGGSS) mu mpfunyapfunyo, ririko riba ku ncuro ya 4, aravyiyemerera we nyene. Mu butumwa yatanze, buvuga ko asezeye kubera afise ayandi masezerano menshi.

Muri nya butumwa bwanditse mu rurimi rw’Icyongereza, Knowless ashimira abari bamugiriye icizere bakamutora, ariko kubera ayandi masezerano afise, harimwo kuba ariko aserukira ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru wo mu Rwanda MTN, hamwe n’ibiteramo ategakanya gukorera hanze y’Urwanda. Ku bw’ivyo, yahisemwo gusezera ihiganwa rya Primus Guma Guma Super Star 4 .

Nk’uko amakuru duhabwa n’ikinyamakuru IGIHE co mu Rwanda abandanya abimenyesha, umunyamakuru w’ico kinyamakuru yavugishije Martine Gatabazi, ashinzwe iyamamazabikorwa mw’ishirahamwe rihingura ibinyobwa ryo mu Rwanda Bralirwa, yamubaza nimba koko Knowless yasezeye muri Primus Guma Guma Super Star 4. Uwo nawe yavuze ko batarabona urwandiko rwa Knowless ruvuga ko yasezeye muri iryo higanwa.

Naho biri uko urwandiko rwa Knowless rwaramaze gusohoka. Ibi biri aha munsi ni urwandiko Knowless yandikiye uwo wese arabwa no gusezera kwiwe muri iryo higanwa.

Ico kinyamakuru cabandanije kibaza Martine ico bategekanya gukora biramutse bibaye ivyukuri. Yishuye ati: “Bibaye uko, haca hajamwo uwamukwirikiye mu majwi.”
Butera Knowless yari umwe mu baririmvyi 15 bashoboye gushika ku rutonde rw’abaririmvyi bahiganirwa kuja muri 10 bazakora mw’ihiganwa nyen’izina ry’uyu mwaka. Yari yatowe mu gitsina gore hamwe na Paccy na Teta Diana.

Ikinyamakuru IGIHE co mu Rwanda kibandanya kimenyeshako igihe herekanwa urutonde rw’abaririmvyi 15 bemerewe kuja mw’ihiganwa rya Primus Guma Guma Super Star incuro ya 4, Knowless siho yari, hoba hari n’amakuru avuga ko atari mu Rwanda. Ico gihe abandi babanje gutera umukono ku masezerano ngenderwako hagati y’abaririmvyi na Bralirwa hamwe na EAP, ishirahamwe rifasha gutegura iryo rushanywa rikomeye kurusha ayandi mu Rwanda.

Ni ku nshuro ya 3 Knowless yari ku rutonde rw’abaririmvyi bitavye ihiganwa Primus Guma Guma Super Star. Uwo yitavye iryo higanwa mu mwaka wa 2012 no mu mwaka wa 2013.

Umviriza rumwe mu ndirimbo z’uwo muririmvyikazi " Reka Nkukunde"


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.