Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Christian Nimbona, agahogo ko gutazira Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Christian Nimbona > inkuru > Christian Nimbona, agahogo ko gutazira Imana

Christian Nimbona, agahogo ko gutazira Imana

mercredi 24 Ndamukiza 2013

Christian Nimbona ni umuririmvyi w’umurundi, aririmba indirimbo z’Imana”, indirimbo zo gutazira no kuninahaza Imana. Mouzos nkuko yitaziriye.

Uwo musore w’umuririmvyi akaba n’umucuraranzi w’igitari bita “accoustic”, yavukiye i Bujumbura muri komine Musaga. “Navukiye mu muryango w’aba angirikani”. Aho hari igenekerezo rya 23 Ntwarante 1985. Ukuririmba yagutanguriye muco bita “Sunday School”. N’ukuvuga “amashuri yo k’uwimana” aho bigisha abana bakiri bato ku ririmba. “Narakunda cane kuririmba muri Sunday School kandi maman yarabinsunikiramwo cane...ati :genda genda genda....”. Umuvyeyi wiwe, mama wiwe yari umucuraranzi w’igitari akongera akaba n’umuririmbiramana. Niwe yamutera n’ingoga zo kubikunda gusumba.

JPEG - 132.5 ko
Christian Nimbona

Christian Nimbona, benshi bamumenye ubwambere ku mboneshakure y’igihugu mu gakino kitwa “UMUCO”. “Ariko abantu ubu ntibandonderere muvyo gukina ivyese, nibandonderere no mu muziki”, iryo niryo yatuyagiye. Indirimbo yiwe iciye muri ya mazu akora umuziki yabaye “Hari igihugu ciza cane”. Akaba yarafadikanije n’umuririmvyi yitwa Clark ubu avugira muri Kanada.

Atanguye amashuri y’isumbuye mu mwaka w’2001, nihoyatangura kwiga igitari. Ninaho yitayeho umuziki cane. Mu nyuma y’injira mu murwi “Shemeza Music”. Mu nyuma yaho, yinjiye mu murwi “The Worshipers” araheza asohora indirimbo “N’umwami” ikunzwe guca ku mbonesha kure zo mu Burundi. Muri uwo murwi yarafadikanije na Fortran Bigirimana, basohora ururirimbo “Uhoraho ni we”. Urwo ruririmbo rukaba rwahinyanyuwe n’umuhinyanyuzi rurangiranwa Aroni NTUNGA. Ruraheza ruravuzwa mu rukurikirane rw’ibiteramo bitandukanye yagiyemwo mu gihugu c’Urwanda.

JPEG - 149.2 ko
Christian Nimbona mukiganiro n’umunyamakuru wa IGIHE

Mu kwezi kwa Kigarama, ategekanya gusohora urukurikirane rw’indirimbo 12 yise “SHIKAMA”. Harimwo iziri mu giswahiri, ikirundi n’icongereza. “Ndashimira cane mama wanje yansunitse cane mu muziki”, mubo ashimira uwo niwe yahereyeko aho twagirana ikiganiro. Arashimira abagenzi biwe bose bamwegereye mu muziki. “Ndasaba abaririmvyi babarundi guhurumbira ibinyamakuru vyandika kuburyo ngurukanabumenyi kuko niho umuziki wabo urondererwa n’abari mu mahanga”.

Yaboneyeho n’akaryo ko kubeshuza ibihuha bivuga ko yagize ubugeni abandi ngo yarakoye, “’ndacari umu célibataire”.

Mwomenyako mu bintu Christian Nimbona akunda cane ari: kuvuza igitari, ikawa, ukwinonora imitsi bimwe bita “musculation”.


Luc-Noel Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.