Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emy Smith > inkuru > Emy Emery yasohoye ururirimbo rwa mbere rw’umwaka w’i 2015
Emy Emery yasohoye ururirimbo rwa mbere rw’umwaka w’i 2015
vendredi 9 Nzero 2015
Umuririmvyi Emy Emery ari mu mahanga ntahagarika igikorwa co kuririmba, yasohoye ururirimbo rushasha ruvuga ku buzima bwa muntu. Arashima ubuhinga ururirimbo rukozwemwo kanatsinda rwakozwe n’abahinga karuhariwe.
Mu gihugu ca Kenya, Emery Emy yagiye mu bikorwa bitandukanye harimwo n’igikorwa co kuririmba. Muri iyo ntumbero, Emery yakoze ururirimbo "Songa Mbele" ruri mu ruririmi w’Igiswahili. Muri "Songa Mbele", Emy avuga ati:"Ubuzima turimwo ni nka zuguruzuguru y’ibibazo, Ibitsitaza, naho bimeze gutyo tuzonesha. Tugenda tuja imbere, ntituzigera dusubira inyuma".
Emy Emery arishimira cane uko indirimbo ikozwe kuko yakozwe n’umuhinyanyuzi karuhariwe Sulex akora muri MAXITON Studio. Urwo ruririmbo rubaye urwa mbere rw’umwaka w’i 2015 ahereje abakunzi biwe. Vuba cane ururirimbo "Songa Mbele" rurabashikira.
Cherif Nkeshimana