Accueil > Amakuru > Mu makungu > Equateur : Igitigiri c’abahitanwe na nyamugigima kigeze kuri (...)
Equateur : Igitigiri c’abahitanwe na nyamugigima kigeze kuri 272
lundi 18 Ndamukiza 2016, par
Inyuma ya nyamugigima ikomeye yo ku rugero rwa 7.8 (Magnitude) yabaye mw’ijoro ryo ku wa gatandatu mu gihugu ca Equateur. Iyo niyo nyamugigima ya mbere ikomeye ibaye muri Equateur kuva mu mwaka wa 1979. Igitigiri c’abapfuye kimaze gushika ku 272, mu gihe abarenga 1500 bakomeretse.
Ubuyobozi muri ico gihugu buvuga ko ico gitigiri gishobora kwiyongera kuko ibikorwa by’ubutabazi bikibandanya. Gushika ubu, abasirikare ibihumbi 10 n’abaporisi 3500 nibo bamaze kurungikwa mu duce twasinzikaye cane.
Rafael Correa, umukuru w’igihugu ca Equateur yari mu rugendo mu gihugu c’Ubutariyano igihe iyo nyamugigima yaba, akaba yaciye afata ingingo y’ugutaha mu gihugu ciwe, yongera atanguza ibihe bidasanzwe, anavuga ko icihutirwa ari ukurondera abakiri bazima bagatabarwa.
Icegera c’Umukuru w’igihugu wa Equateur, Jorge Glas, yagendeye agace ka Manta kasinzikaye cane muri iyo nyamugigima, abanyagihugu bakaba bamubwiye ko hakiri abaheze munsi y’inyubakwa zasenyutse.
Indege nizo zatwaye abasirikare barungitswe muri utwo tuce twasinzikaye, kuko bitoroshe gushikayo n’imiduga, mu gihe amabarabara yabomaguritse.
Abanyagihugu bacitse kw’icumu bakaba bariko bahabwa imfungurwa hamwe n’ibindi bikoresho vya nkenerwa.
IGIHE
Messages
18 Ndamukiza 2016, 15:34, par Hitimana François
Imana Ibakire nukuri!Kandi birababaje kandi biratey’ikigongwe! Abafis uburyo babafashe,batibagiy amasengesho.