IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Gerard Bukuru > Gerard Bukuru yagarutse kwibutsa indirimbo za kera

Gerard Bukuru yagarutse kwibutsa indirimbo za kera

mardi 4 Ntwarante 2014

Umuririmyi Bukuru Gérard azwi cane mu myaka ya 1980 mu mirwi "Ubumwe" n’umurwi "imvumero", yagarutse kuririmba inyuma yaho aviriye mu buhungiro mu gihugu ca Tanzaniya. Agiye kunagura zimwe mu ndirimbo ziwe, yongere ashire k’umugaragaro izo ariko arakora.

Abamuzi cane ni abo mu myaka ya 1980, igihe c’abaririmvyi ntibagirwa mu Burundi nk’aba Nikiza David, ba Canco Hamisi n’abandi. Ico gihe yaririmba akongera akarongora umurwi(Orchestre) witwa Ubumwe wahavuye usamburwa n’ishari rya bamwe mubo bari basangiye umurwi, bamugirira. Abenshi murabo bamugirira ishari bava mu gihugu ca Zaïre cahindutse Congo. Ico gihe, Gerard Bukuru acibutswa n’ururirimbo rwiwe rwatwaye ikibanza ca mbere, eka rwakunzwe n’abantu benshi. Urwo ruririmbo abakera bararwibuka rwitwa " Inyange mu Nyambo".

Abibonye uko yaciye ashinga uwundi murwi (Orchestre) awitwa "Imvumero". Eka naho, umutama Gerard ahibutswa n’ururirimbo "Intimba y’urukundo"rwahavuye rusubirwamwo n’umuririmvyi Jean Pierre Nimbona ari we Kidumu, hari n’izindi nka "Sogokuru yari Umugabo" zakunzwe cane muri iyo myaka.

Intambara yatumye uwo muririmvyi ahungira mu gihugu ca Tanzaniya aho yabandanije aririmba. Yatubwiyeko yaciye ahindura umudiho. Ubwa mbere yaririmba imvyino, mu nyuma aja mu mudiho wa Raggae. Gerard ati:" nshitse mu gihugu ca Tanzaniya nategerezwa guhindura kuko sinashaka ko bamenyako ndi umurundi".

Muri ico gihugu yarakoze ibiteramo vyinshi haba muri Tanzaniya no bindi bihugu nka Uganda, Malawi, na Afrika y’Epfo. Imyaka yamaze mu buhungiro yarakoze indirimbo zitari nke harimwo nka " Tanzaniya ni Mali", "Mwenyezi Mwenyewe", "Cangia Wenziyo" ni zindi nyinshi ziri mu nkwirikirane zigera kuri 8.

Gerard avugako agarutse yasanze umuziki w’i Burundi warateye imbere cane. Kuva ashitse yararirimvye ururirimbo "Ndakunda mutama". Agomba rero gusubiramwo indirimbo ziwe za kera, eka na zimwe muzoyakoreye mu gihugu ca Tanzaniya azozisubiramwo.

Mwomenyako umutama Bukuru Gérard afise imyaka 63, afise ubusage " Dread Rocks" amaranye imyaka 45. Yatuyagiyeko aho muri Tanzaniya abafise ubusage babutangira amashiringi 15000 (15.000 shilling) ku mwanka. Rero ngo s’ugupfa gutereka umushatsi, harimwo kandi no kuwugirira isuku. Patrick Son n’umwana wa 4 wa Gérard kandi nawe arafise impano yo kuba umuririmvyi.


Chérif Nkeshiman

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.