IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Happy Famba > Happy Famba yasohoreye rimwe indirimbo zibiri

Happy Famba yasohoreye rimwe indirimbo zibiri

lundi 26 Nzero 2015

Happy Famba yasohoye indirimbo zibiri harimwo urwo yakoranye n’abandi babiri, zibaye ururirimbo rwa mbere asohoye muri uno mwaka w’i 2015.

Ururirimbo "Collabo" rwabaye urwa mbere ryakozwe n’abaririmvyi batatu ari bo Happy Famba, Chany Queen n’umuhinyanyuzi KRAZY BRIGHT. Happy Famba ati:"Muri benshi beza nashimye wewe", Chany Queen nawe ati:" bebe sinshobora gutora itiro kubera nshaka Collabo(gukorana).

Aba n’abandi baribaza iyo Collabo bose baririmba ko bashaka yoba ari iyahe mu gihe vyumvikana ko bakoranye ururirimbo? Urundi ruririmbo Happy Famba yashize ahabona rwitwa "Ni wewe" rukoze mu mudiho w’indirimbo zitambika. Reka twitege intambo tuzobona muri Video narirya uwo muririmvyi azwi cane ku ntambo ziyobeye, benshi bamuzi kuri tazirano"Mkali wa show"

Umviriza ururirimbo "Collabo" rurimwo na "wewe" zasohokeye rimwe


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.