Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Haraho ahindura umudiho asanzwe avuzamwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bidondo > Inkuru > Haraho ahindura umudiho asanzwe avuzamwo

Haraho ahindura umudiho asanzwe avuzamwo

mardi 12 Munyonyo 2013

Generencha Bidondo agitangura kuririmba neza na neza mu mwaka w’2001 (avuga ko yabivukanye), yagomvye gutanguza umudiho mushasha utandukanye na Zuk canke Rap eka utandukanye n’iyindi midiho. Uwo yawise “Bidondo Style”, ariko haraho bishika agahindura kubera abandi.

JPEG - 2.6 Mo
Hakizimana Hussein ariwe Bidondo

Hakizimana Hussein ariwe Bidondo, agitangura umwuga wo kuririmba yahisemwo kugira bishasha mu muziki. Ivyo yabigira mu kwanka gukorera canke kwigana ivyo abazungu bazanye. N’iko gutanguza umudiho wiwe “Bidondo Style”. Wumvirije mu ndirimbo ziwe urumva koko ko yagize gishasha. Aho ni nko mu ndirimbo “siku mingi si muoni”, canke “Asikutishe “ zakunzwe n’abantu benshi cane kandi avuga ko zamuhaye n’ubuzima. Naho biri uko, haraho bishika agahindura kubera ashatse kuririmbana n’uwundi canke n’umurwi runaka. Muri ico gihe ahitamwo kuririmba mu mudiho bumvikanye n’abo baba bariko bategurira hamwe.

Muri iki gihe ariko atunganya neza yongera aheraheza indirimbo zisigaye kugira urukurikirane rw’indirimbo yise “vumilia” rusohoke, muri urwo hasigayemwo indirimbo 5 kugira akwize 12.

Tubibutse ko uwo yari yapfunzwe mu mpera z’umwaka w’2011, mw’ibohero rya Mpimba, aho yagirizwa gushurashuza umwana (mineur), icaha atigeze yemera. Avuga ko ico kibanza atazocibagira afatiye ku kuntu yahinjiye n’ubuzima bwaho. Mu mwaka w’2012, yaragize igiteramo c’agakura muri ico kibanza nyene kugira yibutse umunezero abanyororo.

Arangiza amenyesha ko kuba yariyumviriye kuririmba mu mudiho wiwe ari iteka kuri we. N’abandi bahamagariwe kugira bishasha, bareka kwama barindirako abandi biyumvira bishasha nabo baheze bimure. Umviriza uri ruririmbo "Polina" usanga uwo mudiho atawo bisa mu Burundi.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.