Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abitavye inama rukokoma y’indero basaba Reta kuzoshira mu ngiro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Abitavye inama rukokoma y’indero basaba Reta kuzoshira mu ngiro (...)

Abitavye inama rukokoma y’indero basaba Reta kuzoshira mu ngiro ivyumvikanwe

lundi 8 Kigarama 2014

Inama rukokoma yasozerewe abayitavye bemeranije gushiraho umurwi uzokurikirana ishirwa mu ngiro ry’ivyo bashoboye gupfundikira hamwe.

Ku munsi wa gatanu niho harangira inama rukokoma y’indero. inama yari imaze iminsi ine iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura kuva kuwa 2 Kigarama gushika kuwa 5 Kigarama. Iyo nama ikaba yari ifise intumbero yo kurabira hamwe ivyokorwa kugira batorere inyishu ibibazo bihanze ico gisata c’indero mu Burundi.

Ibibazo vyagiye bishikirizwa bikuru bikuru n’ibijanye n’ishure shingiro, ikibazo kijanye naya mpamyabushobozi nshasha abanyeshure biga mu nyigisho zishasha BMD bazoronka, hamwe n’icerekeye ubusumbasumbane bw’imishahara ku bakozi ba Reta, hamwe na kazoza k’umukozi akora mu bushikiranganji bw’indero n’ibindi bibazo bihanze amashure mato mato, ayisumbuye hamwe na kaminuza.

Eulalie Nibizi arongoye sendika STEB yari yitavye ibikorwa vy’iyo nama, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru imbere y’uko iyo nama irangira, yamenyesheje ko bashoboye guca hirya no hino ibibazo bitandukanye bihanze ishure shingiro aha akavuga abigisha batateguwe, ingorane y’ibikoresho, ingorane y’uko muma kaminuza batariko barategura abazokwigisha mw’ishure shingiro, ubwinshi bw’abana mu mashure, inyigisho zidafise akanovera n’ibindi. Abari bitavye iyo nama bakaba bagiye bahanahana ivyiyumviro n’intumbero y’uko ibintu vyohinduka.

Ku kibazo gihanze abanyeshure bo mu makaminuza mu nyigisho nshasha BMD, cerekeye impamyabushobozi zizotangwa muri ubwo buryo bushasha, abanyeshure baserukiye abandi basavye ko hoshirwaho itegeko ryerekana agaciro k’iyo mpamyabushobozi kw’isoko ry’akazi ugereranije n’izahahora, bongera barasaba ko agafashanyo bahora bahabwa katosubirizwa n’ingurane, nk’uko abenshi bagiye babisaba muri iyo nama.

Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES arashima uko ibiganiro vyagenze muri iyo nama rukokoma n’ubwo umwanya wabaye muto, ariko rero asaba ko ivyo bayaze muri iyo nama bitoba amasigaracicaro nk’uko babonye vyagenze ku yandi manama rukokoma yagiye aba, aha akibutsa nk’inama rukokoma y’ubutungane hamwe n’iy’abamenyeshamakuru, aho gushika ubu ivyo bapfunditse bitaraja mu ngiro.

Mu gusozera iyo nama rukokoma ,hatanzwe urutonde rw’intumbero z’ivyiyumviro vy’abari bitavye iyo nama bikuru bikuru bikaba ari ibi bikurikira : Ku kibazo c’agafashanyo bita bourse borabira hamwe ingene boza baratanga ingurane mu kwiga, ku kibazo co guteza imbere umwigisha borabira hamwe ingene boza barerekana ingene umwigisha azoza aratera imbere kuva agitangura gukora mu gihe yagiye arigenza neza. Ku kibazo c’indaro ku banyeshure, indaro yohabwa bake mugabo naho nyene igatangwa mu muco. Borekurira kandi amashure yari asanzwe afise indaro akabandanya gutunganya uburyo abanyeshure baguma mu ndaro mugabo bafashanije n’abavyeyi. Ikindi basavye n’uko abaja kwiga hanze ku gafashanyo k’igihugu bagaherayo hoza haratunganywa uko boza baragaruka mu gihugu bahejeje kwiga, bagateza imbere igihugu cabo. Hoshirwaho kandi ubuhinga bwotuma inyigisho zitangwa ku banyeshure zigira ico zibamariye. Abari muri iyo nama basavye ko hobaho umurwi w’abahinga wiga ivyo bibazo vyagiye bishikirizwa.

Umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye Rose Gahiru yasozereye ibikorwa vy’iyo nama yemereye abari aho ko Reta y’Uburundi igiye kwiga ivyo vyiyumviro vyose vyashikirijwe, ikazoheza igatora inyishu.


Floxella Karire

Messages

  • EREGA NUKO LETA IVYIYOBAGIZA, AKANOVERA KINYIGISHO KOBONEKA GUTE KANDI UMWIGISHA AFASHWE NABI, WOKWIGISHA NEZA GUTE URIKO WIYUMVIRA INGENE ABANA BAZA GUFUNGURA KUMUGOROBA, URETSEKO NAWE UBUTARAYE UFUNGUYE IBIKWIYE? HARARINZARA HAKAZINDUKINZIGO!

  • Leta twizeye ko ari umuvyeyi wabarundi bose.nimba hariho ikosa abigisha bayikoreye nigire ikigongwe ibagarukireko mukubadugiriza agashahara gutyo akanovera munyigisho kazoca kiyongera ntankeka(bagaze ahatemba pee!!)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.