Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara ifata ibihimba bisohora umwanda muto "infection urinaire" iva (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara ifata ibihimba bisohora umwanda muto "infection urinaire" iva (...)

Indwara ifata ibihimba bisohora umwanda muto "infection urinaire" iva kuki?

mardi 23 Nyakanga 2014

Mu ndwara zifata ibihimba bisohora umwanda muto harimwo iyo bita "infection urinaire" Ifata abana n’abakuze, ariko ikarira cane abakenyezi. Umuntu akibaza ikiyitera, uko ifata n’ingene yoyirinda.

Mu kiganiro umuganga Kabika Siri yahaye ikinyamakuru IGIHE, yatubwiye ko iyo ndwara (infection urinaire) ifata ibihimba bisohora umwanda muto (appareil urinaire), arivyo : agasaho kajamwo umwanda muto (vessie), akaringoti gasohora umwanda muto (urètre), amafyigo (reins) n’igihimba c’abagabo bita "prostate".

Nk’uko yabivuze, iyo ndwara iterwa n’udukoko (bactéries) duca mu karingoti gasohora umwanda muto (urètre), canke igaterwa n’uko umuntu afise ubumuga mu bihimba bisohora umwanda muto (malformation de l’appareil urinaire). Kureka kuja gusohora umwanda muto kandi umubiri ubishaka, isuku rike mu kazu ka surwumwe, ukutagirira isuku ibihimba vy’irondoka canke uduhuzu two musi biratuma umuntu ashobora kuyigwara.

Abakenyezi barakarirwa n’iyo ndwara

Muganga Kabika avuga ko abakenyezi bagwara cane "Infection urinaire" kurusha abagabo kubera ingene ibihimba vyabo biremwe. Ku bagore, akaringoti gasohora umwanda muto (urètre) ni kagufi (2cm), ariko ku mugabo ni karekare (16cm), bigatuma udukoko dutera iyo ndwara twinjira tugashika mu gasaho kajamwo umwanda muto (vessie) vyoroshe ku mugore gusumba ku mugabo. Kandi ibihimba vy’umugore biri ahabona gusumba ivy’umugabo. Ikindi n’uko iyo abakenyezi bagiye mu kwezi (règles), bashobora kugwara infection urinaire iyo batigiriye isuku, kandi muri ico gihe umubiri w’umukenyezi ntusohora nk’uko bisanzwe ivyica utwo duko (dimunition de l’acidité). Umukenyezi yibungeze nawe arashobora gufatwa n’iyo ndwara, kuko umubiri ntuba ukicirwanira neza, kandi n’akaringoti gasohora umwanda muto ntigakora neza.

Ibimenyetso vy’iyo ndwara iyo yafashe agasaho kajamwo umwanda muto (vessie), umuntu arababara ariko asohora umwanda muto, akaguma yumva ashaka gusohora umwanda muto, akababara musi y’umukondo (douleur au niveau du petit bassin), umwanda muto ukaba unuka.

Iyo naho iyo ndwara ifashe amafyigo, umuntu arashuha cane, agasusumira, akumva arushe, akabura akayabagu, agasohora umwanda muto muke muke, akababara mu mafyigo (douleurs lombaires).

Mu kwirinda iyo ndwara umuntu yokwama aja gusohora umwanda muto igihe cose yumvise abishatse, akareka kuvyirengagiza nk’uko benshi bareka hagaca amasaha menshi barindiriza kuja kwituma. Umuntu yokwama agira isuku ku mubiri no mu kazu ka surwumwe, akanwa amazi menshi kuko atuma umubiri usohora umwanda muto navyo bigakinga iyo ngwara ya "infection urinaire".

Iyo naho umuntu yayigwaye, n’ukuja kwivuza yihuta, umuganga akamusuzuma akamenya umuti amuha ujanye n’urugezo iyo ndwara igezeko, arico gituma bibujijwe kwivura. Iyo umuntu atayivuje neza irashobora kumuhitana canke igatuma n’ibindi bihimba vy’umubiri bigwara.


Nadège Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.