Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’imyaka 23, yagarutse mu muziki n’igiteramo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Gérard Ndikuriyo > Inkuru > Inyuma y’imyaka 23, yagarutse mu muziki n’igiteramo

Inyuma y’imyaka 23, yagarutse mu muziki n’igiteramo

samedi 6 Ndamukiza 2013

Inyuma y’imyaka 23 ataremesheje igiteramo Gérard Ndikuriyo yaraye aremesheje igiteramo kuri uyu wa gatanu mu nyubakwa za IFB hahoze hitwa “ikigo ndangakaranga c’abafaransa” .

JPEG - 51.7 ko

Uwo muririmvyi w’umuhumure afise imyaka 62, yararirimvye indirimbo zitarinke,na cane cane izo abantu bazi mu myaka y’1980. Ashigikiwe n’umurwi Moutcho yararyoheye abari bitavye igiteramo. Abakiri bato bo barakuye akarenge hasi baratamba bariko baririmba indirimbo nka “Kira se mawe”. Intambo zahora ziherekeza iyo ndimbo baraziganye n’akanyamuneza kenshi, ku mudiho usukuye,uryohoye umurwi Moutcho wariko uravuza.

JPEG - 48.4 ko

Abagize umurwi Moutcho baramenyesheje ko igihe uwo muhumure mu muziki yabasaba kumuvugiriza, barahimbawe cane. Bongeye bavugako ari iteka batewe kuvugiriza Gérard Ndikuriyo muri ico giteramo. “Imyaka 10 imbere y’ivuka ryanje niho yasohora indirimbo yiwe ya mbere”, Nganji Arnaud umwe mubagize umurwi Moutcho niko yagize. Kukaba nkako, Gérard Ndikuriyo yasohoye indirimbo yiwe ya mbere mu mwaka w’1977.

Mugusozera yamenyesheje ko afise imigambi yo kumenyekanisha umuziki w’Uburundi mu makungu. Mwomenya kandi ko aherutse gusohora urukurikirane rw’indirimbo 10. Urwo rukurikirane akaba yarwise “Kira mama”. Ico giteramo kikaba casozerewe ku ndirimbo yindi yamenyekanye cane mu myaka ya 80, “Nsezere ngende”. Ariko abaraho baciye basaba ko yobongera indirimbo “Kira se mawe”.

JPEG - 39.2 ko

Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.