IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi ya Ibra Kwizera iri mw’ihiganwa muri Burkina Faso

Ireresi ya Ibra Kwizera iri mw’ihiganwa muri Burkina Faso

lundi 2 Ntwarante 2015

Ireresi yitwa "Ashley" yateguwe n’umukinyi w’amareresi Ibrahim Kwizera iri mw’isabukuru ry’amareresi FESPACO ririko ribera muri Burkina Faso, mw’ihiganwa n’ayandi mareresi yo muri Afrika.

Kuva kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma gushika w’igenekerezo rya 07 Ntwarante 2015 muri Burkina Faso hariko habera isabukuru ry’amareresi "Festival Panafricain du Cinéma de Ouagadougou (FESPACO). Ku ncuro ya 24 ya FESPACO, ireresi "ASHLEY"yakozwe n’umukinyi w’amareresi Ibrahim Kwizera iri mw’ihiganwa.

Iyo reresi yari mw’ihiganwa rya FESTICAB mu Burundi mu mwaka w’2014, iyo sanamu nyene ikaba yarahawe agashimwe k’isanamu nziza "meilleure image" kahawe umuhinyanyuzi Fleury Pro.

Ashley rero yarerekanywe ejo hahise kw’igenekerezo rya 01 Ntwarante, turiko turondera Ibra canke abo bajanye muri iryo higanwa nka Ngabo Leonce, Diane Kaneza, canke Muco kugira batubwire uko biriko bigenda.

JPEG - 89 ko
Diane Kaneza na Ibra Kwizera bari I Ouagadougou

Mwomeyako muri Fespaco hariyo amareresi ava mu bihugu 20 vyo ku mugabane wa Afrika, ivyo ni : Burundi, Burkina Faso, Cote d’Ivoire, Mali, Gabon, Ghana, Senegal, Niger, Haiti, Iles de Reunion, Cameroun, Madagascar, Tunisie, Nigerie, Togo, Algerie, Maroc, Benin, Namibie, RD Congo. Muri iryo sabukuru, Burkina Faso ifisemwo amareresi atatu.

Amwe mu mafoto y’iyugururwa rw’ibikorwa


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.