Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iryinyo rimaze imyaka irenga 550 ryatowe mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Iryinyo rimaze imyaka irenga 550 ryatowe mu Bufaransa

Iryinyo rimaze imyaka irenga 550 ryatowe mu Bufaransa

mercredi 29 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Camille Jacquey w’imyaka 16 na Valentine Loesche w’imyaka 20 barubuye iryinyo rimaze imyaka irenga 550 ribayeho,igihe bariko biga bijanye na kahise ka kiremwa muntu mu gace ka Tautavel mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubufaransa.

Abo bahungu babiri bubuye iryo ryinyo inyuma y’ubushakashatsi barikozeko,basanga basanze rimaze imyaka iri hagati y’ibihumbi 580 na 550.

Umuhinga mu bijanye n’ihindagurika ry’umubiri w’umuntu Amelie Viallet w’imyaka 39 yavuze ko inyuma yo kubikorera ubushakashatsi yasanze iryo ryinyo ryari rinini nkiry’umuntu akuze ariko ko batashoboye kumenya ko yari umugabo canke umugore.

Agace basanzemwo iryo ryinyo haraheze imyaka 50 hari abahinga bagakoreyemwo ubushakashatsi, bahasanga ibisigarira 140 vy’amagufa y’abantu babayeho mu myaka ibihumbi 450 iheze muri ako karere ka Tautavel mu Bufaransa.

Umuhinga mu bijyanye n’akahise k’ikiremwamuntu , Yves Coppens, yavuze ko igituma iryo ryinyo ryahawe imyaka ibihumbi 550, bisunze kahise karanze aho hantu barisanze.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.