IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Itanguzwa ry’ibikorwa bitegura Festicab 2013

Itanguzwa ry’ibikorwa bitegura Festicab 2013

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Kuri Hotel Club du Lac Tanganyika , uwaserukiye umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama Jean Marie Rugerinyange, ari kumwe na Léonce Ngabo yatanguje Festicab na Eloge Nzeyimana, ayirongoye muri uno mwaka, batanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2013, ku civugo: "Ireresi mw’itsimbatazwa ry’amahoro n’iterambere mu Burundi".

JPEG - 47.9 ko

Intumbero y’ico kiganiro yari itanguzwa ry’ibikorwa bigira gatanu vy’itegurwa rya Festicab y’umwaka w’2013, bizotangura ku genekerezo rya ndwi gushika kurya 14 Ruheshi umwaka w’2013, mu bibanza bitandukanye aba ivyo mu gisagara ca Bujumbura canke mu ntara za ruguru.

JPEG - 49.1 ko

Mu gisagara twobabwira nka Institut Francais du Burundi, cine-cameo, Centre jeunes Kamenge, Hotel Club du Lac Tanganyika, Université du Burundi. Mu gihugu hagati n’i Gitega muri Alliance Francaise n’i Ruyigi muri Maison Shalome. Nk’uko vyashikirijwe, amahiganwa azoba ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamakungu.

Ku rwego rw’igihugu, hari amareresi magufi n’izo bita “Documentaire”. Ku rwego mpuzamakundu naho, ni amareresi magufi na maremare, hamwe na za Documentaire.

JPEG - 46.4 ko

Kubwa Ngabo Leonce, uyu mwaka birakomeye kuko urupapuro rugena Uburundi mu vy’ubwigenge rwarabonetse, ivyo bikazodufasha gucudika n’abanyamahanga babifisemwo uburambe.

Yarangije yibutsa ko Festicab ifise akamaro kanini cane kuko ifasha abarundi gushira ahabona ubuhinga bwabo, bakongera bakarahura ubumenyi ku banyamahanga badutanze gutera intambwe.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.