Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itarike 1 Nzero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 1 Nzero

Itarike 1 Nzero

jeudi 1er Ruhuhuma 2018

Igenekerezo rya 1 Nzero.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1804: Igihugu ca Haïti kirikukira.
1863: Abraham Lincoln atangaza ubwingenge bw’abashumba.

1901: Igihugu ca Austrariya kironka ukwikukira.
1942: Hatangura icese umuryango mpuzamakungu wa ONU.
1959: Fidel Castro kumwe n’abo bariko baramufasha batsinda intambara yo gukombora umukuru w’igihugu wa Cuba, Fulgencio Batista. Uno aca ahungira muri mu gihugu ca Repubrika ya Dominique.

1964: Igihugu Fédération de Rhodésie et du Nyassaland kigaburwamwo ibihugu 2: Malawi na Zambie
1985: Igihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika kirava mu muryango w’ibihugu bigize UNESCO.
1992: Boutros Boutros-Ghali asubirira Javier Pérez de Cuéllar mu kibanza c’umunyababanga mukuru w’ishirahamwe ONU.

1995: Havuka ishirahamwe mpuzamakungu ry’urudandazwa « GATT ».
1997: Kofi Annan asubirira Boutros Boutros-Ghali mu mabanga y’umunyamabanga mukuru wa ONU.
2002: Amafaranga y’ama euro aratangura gukoreshwa. Ibingorongoro cokimwe n’inoti. Bikaba vyatanguriye rimwe mu bihugu 12 vya Buraya.
2003: Luiz Inácio Lula da Silva bita Lula aba umukuru w’igihugu ca Brésil.
2007: Ban Ki-moon aba umunyabanga mukuru wa ONU. Asubirira Kofi Annan.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1752: Besty Ross, umuhinga mu gushona ashona ibendera rya mbere rya Reta Zunzubumwe z’Amerika.
1863: Pierre de Coubertin, umufaransa w’umuhinga muri kahise no mukwigisha. Ni nawe yatanguje Inkino za none za Olympique.
1942: Alassane Ouattara, umunyaporitike wo muri Côté d’Ivoire. Ubu ari umukuru w’ico gihugu.

JPEG - 20.3 ko
Alassane Ouattara

1988: Assimiou Touré, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Togo.

Ibihimbazwa

. Uhimbazwa ry’umwaka mushasha.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro. Watangujwe na Ekereziya Katorika y’abaromani. Ishingwa na Papa Paul wa 6.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.