Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 13 Rusama
Itarike 13 Rusama
mardi 13 Rusama 2014
Igenekerezo rya 13 Rusama ni umunsi wa 133 w’umwaka w’2014. Hasigaye iminsi 232 ngo urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1917: Ku ncuro ya mbere mu gasagara gatoya ko muri Portugal kitwa Fátima, Bikira Mariya arabonekera abana batatu : Francisco Marto, mushikiwe Jacinta hamwe na Lucia de Jesus dos Santos.
- Jacinta, Francisco Marto hamwe na Lucia de Jesus dos Santos.
1967: Zakir Hussain aba umukuru w’igihugu c’Ubuhindi.
1981: Umwungere wa Ekereziya Katorika, Papa Yohani Pawuro wa 2 arahakwa kugandagurwa.
- Yohani Pawuro wa 2 ahejejwe kuraswa
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1950: Steve Wonder, umuririmvyi w’umunyamerika.
- Steve Wonder
1983: Yaya Touré, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Côte d’Ivoire.
- Yaya Touré
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1994: Duncan Hamilton, umudereva w’imiduga y’amahiganwa akomoka mu Bwongereza.
2001: Jason Miller, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
2011: Wallace McCain, umurwizatunga wo muri Canada. Yatanguje unzu z’uburiro zitwa « McCain Foods » .
- Wallace McCain
INGABIRE Luc-Noël