Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 15 Ntwarante
Itarike 15 Ntwarante
mardi 15 Ntwarante 2016
Igenekerezo rya 15 Ntwarante.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
632: Mahomet ava mu gisagara ciwe c’amavukiro La Mecque aja mu gisagara Médine.
1907: Abagore bijinzwa ubwa mbere mu nama nshingamateka y’igihugu ca Finlande.
1963: Hashirwaho « iterefone itukura » hagati ya Washington na Moscou. Iterefone yo kugira bakinge intureka hagati ya Reta Zunzubumwe z’Amerika n’Uburusiya.
2003: François Bozizé atembagaza ubutegetsi muri Centrafrique.
- François Bozizé
2013: Reta ya Maryland, imwe mu yagize Reta Zunzubumwe z’Amerika, ikuraho igihano co gupfa.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1975: Eva Longoria Parker, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika yamuka muri Mexique. Ni umutambukanyi w’umukinyi wa Basketball w’umufaransa, Tony Parker.
- Eva Longoria Parker
1981: Young Buck, umuririmvyi w’umunyamerika.
- Young Buck
1983 : Jean-Jacques Gosso, umukinyi w’umupira w’amaguru yamuka muri Côte d’Ivoire.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
44 imbere yivuka rya Yezu Kirisu: Jules César, umuyotware akaba n’umwanditsi w’umuromani.
- Ikibumbe c’umutwe wa Jules César
1996: Wolfgang Koeppen, umwanditsi w’umudagi.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abaguzi.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igikenye gishobora gukoreshwa n’igiporisi.
INGABIRE Luc-Noël