Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 16 Ndamukiza
Itarike 16 Ndamukiza
vendredi 14 Ndamukiza 2017
Igenekerezo rya 16 Ndamukiza .
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1972: Ikigendajuru Appollo 16 kirarungikwa mu kirere ahitwa Cap Kennedy. Inyuma y’iminsi 4, ico kica kirarukira ku kwezi.
1921: Hatanguzwa ubwoko bw’iforomaji bita “La Vache qui rit”.
- La Vache qui rit
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1844 : Anatole de France, umwanditsi w’umufaransa ari muri babaye mu rwego rwo kunagura ururimi rw’igifaransa (Académie française). Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1921.
1889 : Charlie Chaplin, umukinyi akaba n’umuhinyanyui w’amareresi w’umwongereza.
- Charlie Chaplin
1927: Joseph Ratzinger, umu papa wa Ekereziya Katorika agira 265. Akaba yaashe izina rya Benedigito wa 16.
- Joseph Ratzinger
1947: Kareem Abdul-Jabbar, umukinyi rurangiranwa murukino rwa Basketball. Akaba ari umunyamerika yakinye muri rya higanwa rya NBA.
1973: AKON, umuririmvyi w’umunyamerika yamuka muri Sénégal.
- AKON
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ijwi.
. Danemark: Umunsi mukuru w’igihugu aho bibuka ivuka ry’umwamikazi wa Danemark.
INGABIRE Luc-Noel