Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 16 Nzero
Itarike 16 Nzero
lundi 15 Nzero 2018
Igenekerezo rya 16 Nzero .
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1556: Umwami Charles Quint aratanga mu mabanga yukuba umwami wa Espagne.
- Charles Quint
1947: Vincent Auriol atorwa kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.
1956: Igihugu ca Misiri kirikukira.
1966: Johnson Aguiyi-Ironsi afata ubutegetsi muri Nigéria.
2000: Ricardo Lagos atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Chili.
- Ricardo Lagos
2004: Michael Jackson arengutswa imbere y’ubutungane bwa Reta ya Californie. Akaba yagirijwe ko yashurashuje ku nguvu abana batarakwiza imyaka 18.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1853: André Michelin, umufaransa w’umurwizatunga mu vyamahinguriro.
- André Michelin
1901: Furgencio Batista, uwabaye umukuru w’igihugu ca Cuba.
1980: Seydou Keita, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Mali.
- Seydou Keita
Abazwi cane bitavyima kw’igenekerezo
1989: Pierre Boileau, umwanditsi w’umufaransa.
2001: Laurent Désiré Kabila, umukuru w’igihugu ca Repubrika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
- Laurent Désiré Kabila
2010: Carl Smith, umuririmvyi akaba n’umucuraranzi w’igitari mu mudiho wa country. Akaba ari umunyamerika.
Ibihimbazwa
. Bénin: Umunsi wahariwe abamaratiri.
. Reta Zunzubumwe z’Amerika: Umunsi wahariwe umwidegemvyo wo mu kwemera kw’abantu.
INGABIRE Luc-Noël