Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 17 Gitugutu
Itarike 17 Gitugutu
vendredi 17 Gitugutu 2014
Igenekerezo rya 17 Gitugutu .
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1979: Mère Tereza w’i Calcutta ahabwa agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel.
- Mère Tereza
1992: Hashingwa umunsi mpuzamakungu wo kurwanya ubukene.
2003: Carlos Mesa aba umukuru w’igihugu ca Boliviya inyuma yugutanga imihoho ya Gonzalo Sanchez de Lozada.
- Carlos Mesa
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1903: Nathanael West, umwanditsi w’umumnyamerika.
1912: Papa Yohani Paulo wa 1.
1946: Alifa Farouk, umugore w’umunyappolitike wo muri Tunisiya.
1969: Ziggy Marley, umuririmvyi akomoka muri Jamayika. Umuhingu w’umuririmvyi rurengiranwa Bob Marley.
- Ziggy Marley
1969: Wyclef Jean, umuririmvyi akomoka muri Hayiti.
- Wyclef Jean
1970: Eminem, umuririmvyi w’umunyamerika.
- Eminem
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkuri
1673: Thomas Clifford, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubwongereza.
1806: Jean-Jacques Dessalines, uwabaye umukuru w’igihugu ca Hayiti.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ukurwanya ubukene.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ugutanga ibihimba vy’umubiri
INGABIRE Luc-Noël