Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 18 Nyakanga
Itarike 18 Nyakanga
vendredi 18 Nyakanga 2015
Igenekerezo rya 18 Nyakanga
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1811: Hatanguzwa umurwi w’abazimya muriro b’i Paris.
1851: Hasohoka ubwa mbere ry’ikinyamakuru New York Times.
- Ikinyamakuru New York Times
1934: Igihugu c’Uburusiya kicitwa URSS cinjira mu muryango w’ibihugu vya ONU.
1973: Igihugu c’Ubudagi cinjira mu muryango w’ibihugu bigize ONU.
1981: Ubufaransa butora itegeko rikuraho igihano co kwicwa.
1988: Haba itembagazwa ry’ubutegetsi muri Birmanie. Maung Maung asubirizwa na Général Saw Maung.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1939: Frankie Avalon, umuririmvyi w’umunyamerika.
1940: Abbas El Fassi, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Maroc.
1971: Lance Armstrong, umunonotsi asiganwa ku makinga.
- Lance Armstrong
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1180: Louis w’7, batazira Le Jeune, umwami w’Ubufaransa.
1904 : Herbert von Bismarck, umunyapolitike w’umudagi.
- Herbert von Bismarck
1961: Dag Hammarskjöld, umunyamabanga mukuru wa ONU yapfiriye mw’isanganya ry’indege mu gihugu ca Congo Kinshasa.
- Dag Hammarskjöld
1967: John Douglas Cockcroft, umuhinga muri Physique w’umwongereza. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Physique mu 1951.
1971: Jimi Hendrix, umurirmvyi akaba n’umucuraranzi w’igitari w’umunyamerika.
- Jimi Hendrix
2012 : Patrick Saint-Éloi, umuririmvyi akaba na kizigenza mu murwi wa Kassav.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wo kubungabunga amazi.
. Chili : Umunsi mukuru wo kwibuka ukwikukira.
INGABIRE Luc-Noël