Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 2 Gitugutu
Itarike 2 Gitugutu
jeudi 2 Gitugutu 2014
Igenekerezo rya 02 Gitugutu .
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1935: Abatariyano batera Ethiopiya.
2003: John Maxwell Coetzee, umwanditsi w’umunyafrika y’epfo aronka agashimwe kitiriwe Nobel muvyo kwandika.
- John Maxwell Coetzee
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1452: Umwami Richard wa 3 w’Ubwongereza.
1851: Ferdinand Foch, umusirikare w’umufaransa afise ipete rya Maréchal. Niwe yararongoye ingabo z’Ubufaransa mu ntambara ya mbere y’isi yose.
- Ferdinand Foch
1852: William Ramsay, umuhinga muri chimie w’umungereza yatoye imyika mikene(gaz rares).
- William Ramsay
1869: Gandhi, umuhindi yaharaniye ukwikukira kw’igihugu c’Ubuhindi.
- Gandhi
1939: Yuri Glazkov, umuhinga muvyo kugendera mu bigendajuru akomoka mu Burusiya.
- Yuri Glazkov
Ibihimbazwa
.Umunsi mpuzamakungu wahariwe ukudakoresha igikenye.
. Mu Buhindi: Yubire y’amavuko ya Mahatma Ghandi.
. Guinée: Umunsi mukuru wo guhimbaza ukwikukira.
INGABIRE Luc-Noël